Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Tanzaniya: Ikambi ya Nduta Yahungiyemwo Abarundi Izokugarwa mu Kwezi kwa Cumi


Umurwi nyabutatu wo gutahukana impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya, uhuriweko n’ivyo bihugu bibiri hamwe na HCR wafashe ingingo ko mu kwezi kw’icumi uyu mwaka ikambi y’a Nduta izoba yugawe burundu kugira impunzi z’abarundi zirenga ibihumbi 112 ziri muri ico gihugu zizobe zatahutse.

Biri mu rwandiko rwo mw’ibanga Ijwi ry'Amerika rifise. Uwo rwandiko rwemezwa n’abakozi ba HCR muri Tanzaniya ko ari rwo bariko barakorerako kuva uyu mwaka utanguye.

N'impunzi zarabibwiwe, zivuga ko zifise ubwoba bwinshi. Izo, co kimwe n’amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu yitaho agateka k’impunzi asaba ko amategeko mpuzamakungu akingira impunzi yo kubahirizwa.

Ikindi abari muri uwo mugwi bafunditse n’uko ku kwezi ku kwezi hazoja haratahukanwa abagera ku 2000 kugira igihe co kwugara amakambi kizogere hasigaye impunzi nkeya.

Urwandiko rwo mw’ibanga rurimwo izo ngingo Ijwi ry'Amerika ryaruronse riruhawe n’umwe mu bakozi ba HCR muri Tanzaniya. Uyu yatubwiye ko ari ingingo ntabanduka kanatsinda kuva mu ntango z’uyu mwaka, ni rwo rwerekana ingengabihe y’ibikorwa birangurwa ku munsi ku munsi.

Perezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, na we nyene yarabishimangiye mu mpera z’ukwezi guheze, amaze kubwirwa n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare ko impunzi z’abarundi n’izabanyekongo "ziri mu bahungabanya umutekano w’igihugu, bakaja no mu migwi irwanya ibihugu bakomokamwo."

Bamwe mu mpunzi bavuganye n'Ijwi ry'Amerika, basigura ko hataragera ko batahuka, abandi nabo bagasanga igihugu cabahaye indaro kiriko kirahonyanga uburenganzira bw’impunzi. Bavuga ko n’imbere y’uko ikambi yugarwa, bazoba basa n’ababohewe amaboko I mugongo.

Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi ziri mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko, CBDH/VICAR ruhamagarira reta ya Tanzaniya kudahonyanga uburenganzira bw’impunzi n’amasezerano mpuzamakungu azikingira.

Mu mwaka uheze, komisiyo y’ubumwe bwa Afrika ijejwe uburenganzira bwa kiremwa muntu yandikiye igihugu ca Tanzaniya ikibwira ko agateka k’impunzi z’Abarundi kariko karahungabanywa mu makambi atandukanye harimwo kuzitahukana ku nguvu, izifungirwa ubusa n’izinyuruzwa zikaburirwa irengero. Iyo komisiyo yavuze ko ico gihugu gishobora gushengezwa imbere y’amasentare mpuzamakungu.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi bwobwo bumenyesha ko bwiteguriye kwakira impunzi zose zitahuka. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku ndwi iheze, Umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, André Ndayambaje yatangaje ko kuva mu mwaka w’2017, Abarundi barenga ibihumbi 268 bamaze gutahuka. Ni mu gihe HCR ryerekana ko Abarundi hafi ibihumbi 260 bakiri mu buhungiro mu bihugu vya Tanzaniya, u Rwanda, Ubuganda, Kongo na Kenya.

Ikambi ya Nduta igiye kugarwa ni yo ya mbere nini y’Abarundi iri muri Tanzaniya.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Tanzaniya: Ikambi ya Nduta Yahungiyemwo Abarundi Izokugarwa mu Kwezi kwa Cumi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:41 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG