Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Umukuru w'Inama Nshingamateka ya Afurika y'Epfo Yagiriwe na Ruswa Inyuma yo Kwegura


Nosiviwe Mapisa-Nqakula, yahoze ari umukuru w'inama nshingamateka ya Afrika y'epfo
Nosiviwe Mapisa-Nqakula, yahoze ari umukuru w'inama nshingamateka ya Afrika y'epfo

Nosiviwe Mapisa-Nqakula, yahoze ari umukuru w'inama nshingamateka ya Afrika y'epfo, kuri uyu wa kane, yagirijwe ivyaha vya ruswa, no gukoresha amafranga yaronswe mu buryo budaciye mu mategeko.

Nosiviwe Mapisa-Nqakula, yatanze imihoho mu mabanga yiwe ku musi wa gatatu, yarengutse muri sentare ku murwa mukuru wa politike, Pretoria. Hari inyuma y’uko yishikirije ubwiwe igipolisi agahagarikwa icese.

Bheki Manyathi, mu rwego rw’abashikirizamanza mu gihugu, yatangaje ko Mapisa-Nqakula yagirijwe ubwoko 12 bw’ivyaha vya ruswa, n’icaha kimwe co gukoresha amafranga yaronswe mu buryo buciye kubiri n’amategeko

Yambaye impuzu z’umuhondo n’ubururu, Mapisa-Nqakula, afise imyaka 67, yagumye ari mu gacerere igihe yasomerwa ivyaha yagirizwa. Mu nyuma yaho yarekuwe atanze ingwati.

Yavuze ko ata kibazo c’uko ashobora guhunga igihugu kihari. Hari mw’itangazo ryasomwe n’umushingwamanza wiwe, Graham Kerr-Phillips. Yatangaje ko ivyaha yagirizwa ata nguvu bifise. Bibaye hasigaye igihe

kiri musi y’amezi abiri ngo amatora rusangi abe muri Afrika y’epfo. Vyiyongeye ku bibazo vy’ubutunzi na ruswa umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo ufise muri iki gihe

Nosiviwe Mapisa-Nqakula, ni umwe mu banyapolitike bakomeye b’umugambwe ANC, harimwo Prezida Cyril Ramaphosa n’icegera ciwe bahanganye n’amarorerwa ya ruswa. Mapisa-Nqakula, yagirijwe ko yariye ibiturire igihe yari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi hagati y’umwaka w’i 2014 n’uw’i 2021. Yamara arahakana ivyo vyagirizo. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG