Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Ihiganwa ry'Ukugendesha Imodoka Ryararangiye i Ngozi


Prezida w'UBurundi, Petero Nkurunziza i Ngozi
Prezida w'UBurundi, Petero Nkurunziza i Ngozi

Ihiganwa ry'abasiganwa n'imodoka i Ngozi ryarangiye kuri uyu w'Imana.

Ku ncuro ya mbere muri iryo higanwa harabonetse umwugeme ahiganwa mu bagabo. Ivyo bikaba vyaranezereje abatunganije iryo higanwa, bagahamagarira n'abandi bakenyezi kwijukira urwo rukino.

Ihiganwa ry’abasiganwa mu gutwara imodoka ryatanguye kuri uyu wa gatandatu. Ku musi wa mbere w’ihiganwa,abakinye bahiganiwe muri zone ya Mivo muri komine ya Ngozi. Kuri uyu w’imana, ihiganwa ryabereye ahitwa mu vyegwa vya Ngozi. Ni mu kiyaya kigabura amakomine ya Ngozi, Mwumba na Gashikanwa.

Ni urukino rwitabiriwe n’abanyagihu benshi cane, n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yarukwirikiranye. Mu ntango hahiganwe imodoka 12 ariko 9 nizo zashoboye kurangiza ihiganwa. Muri izo 9, zitanu gusa zashoboye kuronka amanota. Ikibanza ca mbere kikaba cegukiye uwitwa Valery Bukera. Mu modoka itaronse amanota harimwo iyigendeshwa n’umwigeme Njeneza Bianca. Kuva iryo higanwa ritunganywa mu Burundi, nibwo bwa mbere habonetsemwo umwigeme canke umukenyezi.

Muri iryo higanwa, Njeneza Bianca ntiyariko atamba yirorera. Harimwo n’uwundi yitwa Niyonkuru Blandine. Uyo ntiyanyonga Imodoka, ariko yari umudereva wa kabiri. Kuba habonetse abakenyezi nk’abo bitaba ihiganwa si ku busa.

Umukenyezi yahiganwe ubwa mbere amenyesha ko agiye kugira inguvu zishoboka kugira nawe azoronke ikibanza ciza mu mahiganwa azokurikira.

I Ngozi mu Buraruko bw’Uburundi,

Jean Bosco Ndarurinze,

Ijwi ry’Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:08 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG