Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Kurondera Abahitanywe n'Imyuzure muri Koreya y'Epfo Birabandanya


Hamwe mu hari imyuzure muri Koreya y'Epfo
Hamwe mu hari imyuzure muri Koreya y'Epfo

Muri Koreya y’epfo abantu indwi ntibaramenyekana irengero ryabo naho ibikorwa vyo gusukura akarere kasinzikajwe n’imvura y’isegenya biriko bigenda neza. Inyuma y’imisi ibiri igizwe n’Imvura y'isegenya itari bwibonekeze igatuma haba imyuzurire, ibikorwa vyo gusukura akarere kari hafi y’umurwa mukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo vyabandanije kuri uno musi wa gatatu.

Iyo mvura yononye inyubakwa ibihumbi n’ibihumbi, amabarabara, yongera ihitana abantu icenda. Abantu indwi bataramenyekana irengero ryabo kugeza uno musi baba ku murwa mukuru Seoul na hafi yaho mu ntara ya Gyeonggi.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano bumenyesha ko kuri uno musi wa gatatu abakozi ba reta bashoboye gutuganya neza ibice 90 kw’ijana vy’inyubakwa 2,800, inzu, amabarabara n’ibindi bigo biri k’umurwa mukuru. Ivyo bikaba vyari biri mu mugambi wo gutabara mu buryo bwihuta.

Kuri uno musi wa gatatu aho yari mu nama n’abajejwe ibikorwa vyo gusanura ivyononekaye, Prezida wa Koreya y’Epfo, Yoon Suk Yeol, yasavye imbabazi kw’izina rya reta ku bantu bitavye Imana n’ivyago vyatewe n’iyo mvura y’isegenya.

Naho bakuye igisagara ca Seoul n’ibigikikuje mu bihe bidasanzwe, ibiro bijejwe gukurikiranira hafi ikirere biragabisha ko mu bumanuko bw’igihugu hagiye kugwa y’imvura nyinshi gushika ejo ku musi wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG