Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

RDC: Abategetsi Bari mu Ruhigi rw'Abanyororo Amajana Batorotse


Umuporisi mu bikorwa vyo gukizura i Butembo, muri Kivu y'uburaruko.
Umuporisi mu bikorwa vyo gukizura i Butembo, muri Kivu y'uburaruko.

Abategetsi bo mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo bariko barahiga abanyororo amajana batorotse ibohero rikuru ry’i Kakwanguru, igihe abantu bitwaje inkoho baritera mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri. Abantu batanu barimwo abaporisi babiri barishwe muri ico gitero cabereye mu gisagara ca Butembo.

Colonel Polo Ngoma, umukuru w’igiporisi i Butembo, yavuze kuri uyu wa kane ko igiporisi kimaze gufata 50 mu banyororo batorotse.

Ngoma yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bamwe mu bafashwe bari binyegeje mu miryango yabo, abandi mu nzu ya bagenzi babo. Yavuze ko abaporisi bariko bararondera abandi banyororo amajana, batarahafatwa.

Abategetsi bavuga ko abatorotse bari abicanyi ruhebwa kandi benshi muri bo bafunzwe bagirizwa ubwicanyi no gufasha imihari y’iterabwoba.

Antony Mwalushayi, umuvugizi w’igisirikare ca Kongo kiri mu bikorwa vyo kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho, yavuze ko umuhari ADF ariwo wateye uranatorokesha abo banyororo.

Mu 2020, umuhari ADF warateye kandi ibohero muri Beni, mu buraruko bushira ubuseruko, utorokesha abanyororo barenga 1000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG