Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Etiyopiya Yujuje Amazi mu Rugomero GERD


Reta ya Etiyopiya yatangaje uno musi ku wa gatanu ko yaheraheje incuro ya gatatu yo kwuzuza amazi mu rugomero rukomeye rw'umuyagankuba ku ruzi Nil, Grand Ethiopian Renaissance Dam, GERD, mu mpfunyapfunyo.

Reta ya Etiyopiya yatangaje ko urwo rugomero rwatwaye amafaranga angana n’imiliyaridi 4 y’amadolari, rufise akamaro gakomeye cane mu vyerekeye gufasha mw’iterambere ry’igihugu.

Yamara ibihugu vya Misiri na Sudani bibona ko urwo rugomero rugeramiye inyungu zavyo ku bijanye n’ikoreshwa ry’amazi y’uruzi Nil.

Nta kintu kinini utwigoro twamaze igihe kinini two kugerageza gutorera inyishu amatati ari hagati ya Etiyopiya n’ibihugu vya Misiri na Sudani ku bijanye n’urugomero, GERD, twashitseko.

Etiyopiya ibona ko urwo rugomero ruzotuma kiba igihugu kizoshorera umuyagankuba hanze kurusha ibindi bihugu vyo muri Afrika. Urwo rugomero ruzoba rufise ubushobozi burenga megawati 6,000.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Aby Ahmmed yatangaje iherahezwa ry’intambwe ya gatatu yo kwuzuza amazi urwo rugomero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG