Sentare Ntahinyuzwa ya Kenya yanse ko ibwirizwa shingiro rihindurwa. ONU yahinduye umurwi wayo uri kubungabunga amahoro muri Somaliya Abantu 45 Barapfiriye mu mishamirano hagati y’amoko muri Darfur
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Papa Yasavye Amatohoza ku Bagandaguye Musenyeri Courtney mu Burundi. Ingabo z’igihugu, FARDC zivuga ko zabohoye ahari harafashwe n’inyeshamba za M23.
Murisanga (1400-1500 UTC): Murisanga y'uno munsi iha ijambo Abanyekongo barimwo ababa hanze y’igihugu cabo (Diaspora)kugira bavuge ico bibaza ku mutekano w'igihugu cabo ubandanya gutosekara
Amakuru y'Akarere (1600-1630 UTC): Ibiganiro hagati y’Uburusiya na Ukraine vyasubiriye gutangura. Impunzi z’Abarundi bo mu nkambi ya Mulongwe iri mu burasirazuba bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo zihangayikishijwe n’ikibazo co kutagira inkwi
Amakuru ku Mugoroba (1730-1800 UTC): Ukraine yoba yarashe ibigega vya peteroli ku butaka bw'Uburusiya. Ku mupaka uhuza Republika ya demokrasi ya Kongo na Uganda. Bamwe mu banyekongo batuye I Bunagana bari bahunze ingwano bari