Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'ayandi makungu Anthony Blinken Aremeza ko U Rwanda rwavogereye ubutaka bwa Kongo. Perezida Biden Yemeje ko Finlande na Swede Vyemererwa kwinjira muri OTAN
Ministri w’ububanyi n’amahanga wa Letat zunze Ubumwe z’America, Antony Blinken, ategerejwe mu Rwanda kuri uyu wa gatatu. Arahagera avuye muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Mu kiganiro Murisanga turagaruka ku ngwara y’inyonko ifata inka bita ingwara y’ikiyaya ca Rift, ariko ishobora no kwandukira abantu. Turavuga cane cane ku twigoro turiko turakorwa n’abategetsi hamwe n’abajejwe kwitaho amagara y’abantu.
Abanya Kenya bararindiriye ibiva mu matora y’umukuru w’igihugu atitabiriwe cane nk’ukwo vyahora. Bamwe mu bicocoro n'abahinga mu vy'ubumenyi bo hirya no hino kw'isi bandikiye Antony Blinken ariko agendeta u Rwanda.
Abatavuga rumwe na reta mu Rwanda basaba umushikiranganji w'imigenderanire y'Amerika gupfungura urubuga rwa politike. Mu Burundi, abivuriza kuri Prince Louis Rwagasore, bavuga ko umwitwarariko w’abaganga baho ari muke. Donald Trump yitavye abashikirizamanza ba Reta ya New York