Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Umusirikare wa Irani Yagirizwa Umugambi wo Kwica John Bolton


Umunya Irani Shahram Poursafi, azwi kandi kw'izina rya Mehdi Rezayi aronderwa na FBI.
Umunya Irani Shahram Poursafi, azwi kandi kw'izina rya Mehdi Rezayi aronderwa na FBI.

Umunya Irani azwi kw’izina rya Shahram Poursafi, yagirizwa na Reta zunze ubumwe za Amerika ko yari mu mugambi wo kwica John Bolton yahoze ari umuhanuzi mu bijanye n’umutekano w’igihugu ku butegetsi bwa Donald Trump.

Ubushikiranganji bwa Amerika bw’ubutungane bwavuze kuri uyu wa gatatu ko Bolton yagira yicwe ahowe igitero c’indege ya Amerika cishe umujenerali akomeye wa Irani.

John Bolton yahoze ari umuhanuzi wa perezida muvy'umutekano muri Amerika
John Bolton yahoze ari umuhanuzi wa perezida muvy'umutekano muri Amerika

Shahram Poursafi, yamenywe n’abategetsi ba Amerika nk’umwe mu bo mu gisirikare kidasanzwe ca Irani, Islamic Revolutionary Guard Corps. Ariko araronderwa n’igiporisi c’inyamiramabi ca Amerika, FBI, ku caha co kuriha abantu ngo nabo bice abandi.

Abacamanza bavuze ko kugomba kwica Bolton, ari nko kwihora urupfu rwa Qassem Soleimani, yishwe n’indege ya Amerika mu kwezi kwa mbere 2020.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwavuze ko Poursafi yagerageje kuriha abantu amadolari 300,000 ngo bice Bolton i Washington canke muri reta ya Maryland.

Umuhanuzi muvy’umutekano w’igihugu w’iki gihe, Jake Sullivan, yavuze ko igitero ca Irani ku munyamerika wese, harimwo n’abari mu mabanga y’igihugu canke abayahozemwo kizogira ingaruka mbi cane kuri Irani.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG