Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Sierra Leone: Abapolisi 6 Biciwe mu Myiyerekano Yiyamiriza Reta


Bamwe mu bari mu myiyerekano muri Sierra Leone
Bamwe mu bari mu myiyerekano muri Sierra Leone

Abapolisi 6 barishwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta muri Sierra Leone ku musi wa gatatu. Iyo myiyerekano yabereye mu bice bitandukanye harimwo umurwa mukuru, Freetown, nk’uko vyatangajwe uno musi ku wa kane n’umuyobozi mukuru w’igipolisi, William Fayia Sellu.

Abari mu myiyerekano, barahagaritse imirimo mu gihugu. Basaba ko Prezida, Julius Maada Bio ari mu buruhuko mu kiringo c’ukwezi n’umuryango wiwe i Londres mu Bwongereza atanga imihoho.

Icegera ca prezida, Mohamed Juldeh Jalloh yatangaje ingingo zo guhagarika uruja n’uruza mu gihugu cose, mu gihe imyiyerekano ikomeye ibandanya ku murwa mukuru, Freetown no mu bindi bice vy’igihugu.

Ikinyamakuru gisohoka imisi yose co muri Sierra Leone, Telegraph, kimenyesha ko reta yugaye urubuga rwa internet mu gihugu cose kugira abantu ntibahanahane amasanamu y’imyiyerekano iriko ibera mu bisagara vyo mu buraruko bw’igihugu hamwe no ku murwa mukuru, Freetown; ibice bishigikiye cane abatavuga rumwe na reta.

Prezida Julius Maada Bio yagirizwa ruswa yatse indaro mu gihugu, ihonyangwa ry’agateka ka muntu, iyicwa ry’abasivile n’abanyororo, gukoresha ubutegetsi ku nyungu ziwe bwite, ubuyobozi bubi n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi mu gihugu.

Abakiri bato bagera ku bice 60 kw’ijana mu gihugu nta kazi bafise, ari na co gituma, baja kurondera akazi mu mahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG