Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Intumwa ya ONU Ijejwe ivy'Agateka ka Muntu Iriyamirizwa mu Burundi


Folucon F Burundi
Folucon F Burundi

Muri ayo mashirahamwe arenga 40 adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi yateye umukono kuri urwo rwandiko, aratera ivyatsi yivuye inyuma iciyumviro co kwongereza ikiringo c’umwaka c’intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu vyerekeye agateka ka zina muntu.

Muri ayo mashiramhwe harimwo ayaharanira agateka ka zina muntu nka Ligue Izere Ntiwihebure, PISC Burundi, ayaharanira agateka k’abanyororo nka “Association Ntabariza”, ayarwanya urudandazwa n’inyuruzwa ry’abantu nka “ONLCT Où est Ton Frère”, ayaharanira iterambere nka CODIP, ay’abashingwamanza, ayaharanira agateka k’ubwoko bw’Abatwa, ay’urwaruka, ayaharanira amatora meza na demokarasi, ayarwanya umugera wa sida nka CAPES +, ayaharanira ineza y’umwana n’ayandi.

Abayarongoye bahamagarira ONU n’akanama kajejwe agateka ka zina muntu ka ONU kudahirahira ngo bagwe mu co bise “umutego w’abansi b’igihugu” mu kwongereza ico kiringo mu kwezi kuza.

Kw’izina rya bagenzi we, Gérard Hakizimana atwara ishirahamwe FOLUCON-F, rimwe muri ayo, arabisigura kuri micro y’Ijwi rya Amerika.

Kuri bo, Uburundi bwarateye intambwe cane muri ico gisata, ndetse n’umukuru w’igihugu, ico gisata kiramuraje ishinga. Batanga uturorero ko uwukoze icaha agihanirwa n’aho yoba ari uwo mu mugambwe uri ku butegetsi.

Urwo rwandiko ruje mu gihe akanama kajejwe agateka ka zina muntu ka ONU kari mu nama idasanzwe igira 54 i Genève mu Busuwise gushika mu kwezi kuza kw’icumi.

N’aho biri uko, bagenzi b’abo bagwiriyemwo abakorera hanze bobo, babona ko hamwe amakungu atogumiza ijisho ku Burundi, n’ivyahuha vyohuhuka.

Urunani FIACAT, FIDH, Human Right Watch, Amnesty International, n’ayandi akorera mu karere n’Ibulaya, asigura ko ihonyangwa rikabije ry’agateka ka zina muntu mu Burundi ririmwo ubwicanyi, ukuboreza igufa abantu, abagenda mazimayongo n’ibindi, riteye amakenga kuko ribangamiye abatavuga rumwe na reta n’abaharanira agateka ka zina muntu.

Anschaire Nikoyagize atwara Ligue Iteka, kw’izina rya bagenzi we, yabwiye Ijwi rya Amerika ko igituma bipfuza iyo ntumwa ari uko abantu barenga 1800 bishwe mu mwaka 3 iheze.

Muri raporo yiwe yashikirije mu nama iriko irabere I Genève, Ijwi rya Amerika rifise, intumwa ya ONU Fortuné Zongo na we nyene yaremeje ko agifise akazi muri ico gihugu kubera ihonyanwa ry’agateka ka zina rikibandanya.

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi Prosper Ntahorwamiye, yatubwiye ko ata co barashima kubivugako.

Kuva agenwa mu mpera z’umwaka w’2021, iyo ntumwa ntiremererwa guhonyoza ikirenge mu Burundi.

N’aho n’ubu yongeye gusaba uruhusha, amahirwe si menshi kuko uwuserukira Uburundi I Genève mu Busuwise, Elisa Nkerabirori, yabwiye akana ka ONU ko ata kaze azopfa ahawe mu Burundi.

Ntawuramenya ingingo ako kana ka ONU kazofata inyuma yo kurungikirwa inzandiko zitandukanye z’abemera n’abiyamiriza intumwa ya ONU. Ico bikoze, umuryango w’Ubumwe bwa Buraya wemeje I Genève mu Busuwise ko utewe amakenga n’ibibera mu Burundi nko gufungira abantu ubusa. Gusa ntiwavuze aho uhagaze kuri ico kiringo kigiteye impari. (VOA)

Forum

XS
SM
MD
LG