Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Burundi: Inzu Zirenga 40 Zirageramiwe n'Inkombe z'Uruzi Kizingwe muri Zone Kanyosha


Ikimanga c’uruzi rwa Kizingwe kirushiriza guhomoka no gutera ubwoba abanyagihugu bo mu karere ka Kizingwe-Bihara, muri Zone Kanyosha, muri Komine Muha, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Aha ni mu gihe imvura yimirije gutasura. Baratinya yuko aho bukera imvura igatasura ico kimanga kizohitana amazu yabo, kubera inkombe z’urwo ruzi Kizingwe zidakingiwe.

Inzu zirenga 43 ni zo zigeramiwe n’ikimanga c’uruzi rwa Kizingwe rwataye inzira bigatuma umusozi uguma uhomagurika. Abanyagihugu bubatse mu karere ka Kizingwe-Bihara baratekewe n’ubwoba kuko babona imvura yimirije gutasura bagatinya yuko ico kimanga c’uburebure bw’amajepfo bwababa imetero 20 kizorushiriza guhomoka maze amazu yabo agatahira mu manga. Bagira bati: “Twaratabaje kuva kera abajejwe intwaro muri Komine Muha, Musitanteri aratanga itegeko rihagarika abaropora umusenyi n’amabuye muri urwo ruzi, ariko ntibigeze bahagarika”.

Abanyagihugu baba muri ako karere kageramiwe n’ikimanga c’uruzi rwa Kizingwe bavuga yuko bagerageza kuzibira umuvuduko w’amazi kugira ngo barabe yuko bokingira inkombe z’urwo ruzi. Ariko bavuga yuko abo baropozi b’umusenyi n’amabuye bikinga agahumbezi bakarandura ivyo biti vy’uruzitiro baba bubatse. Bobo babibonamwo ubukozi bw’ikibi kuko n’ibiti bikingira inkombe z’uruzi vyitwa “imisuna” bavuga yuko bari bahateye ibishika 40 vyose vyararanduwe.

Ibiti vyatewe ku nkombe za Kizingwe ntaco vyafashije
Ibiti vyatewe ku nkombe za Kizingwe ntaco vyafashije

Aho baboneye yuko itegeko rya Musitanteri ribuza abaropora muri urwo ruzi ribaye impfagusa, abanyagihugu bahavuye bitura Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, nawe abasaba yuko bokwitura ikigo kiraba ivy’ubutare n’agataka OBM. Abaserukira ico kigo barasohoye ingingo yuko abo baropozi bova muri urwo ruzi bakaja kuropora muri Kanyosha na Muha, mugabo ako kamo ntibakitavye, baciye babandanya bacukura muri Kizingwe.

Aho baboneye ata kivuyemwo bahavuye bandikira umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi. Uwo mutegetsi yasavye abanyagihugu barajwe ishinga n’ico kimanga ko boja inama n’abajejwe intwaro bagatunganya amarondo yo guteramira abo baropozi we yise abagizi ba nabi.

Ku ruhande rw’abajejwe intwaro, Musitanteri wa Komine Muha aremeza yuko ico kimanga kiguma gihomoka kubera abo baropozi batubahiriza ingingo zafashwe zo gukingira inkombe z’urwo ruzi. Akeburira abenegihugu baba muri ako karere ko bobandanya bagerageza gukingira inkombe z’urwo ruzi mu gutera ibiti bikinga inkukura no guteramira abo baropozi bababonye bagatabaza inzego zibakurira.

Abanyagihugu baragerageza kwirwanako ariko nta musasuro bitanga
Abanyagihugu baragerageza kwirwanako ariko nta musasuro bitanga

Intumwa z’ikigo kiraba ivy’uburaro bwa Reta OBUHA ziramaze kwishikira kuri ico kimanga kugira ngo hakorwe ivyigwa vy’ukuntu bazosubiza uruzi mu nzira yarwo. Bakavuga yuko ivyigwa bigeze kure.

Muri ico kigo bakabona yuko ico kimanga c’uruzi Kizingwe kirushiriza guhomokakubera n’umuvo w’uruzi Mugoyi ruca muri Kenga-Busoro wisuka muri Kizingwe. Bemeza yuko ingingo yo gukingira aho uwo muvo wisukira muri Kizingwe yamaze gufatwa.

Ico gihomoka gikomeje kwiyongera mu gihe Reta yamaze gufata ingingo yo kwubaka ikigwati c’uburaro bw’abakozi ba Reta muri ako karere ka Kizingwe-Bihara. Abanyagihugu bakabona yuko atagikozwe vuba n’ico kigwati Reta iriko irahatunganya kizohava kibangamirwa n’iyo manga y’uruzi rwa Kizingwe.

Umuyobozi ajejwe ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe yemeza yuko poritike ya Reta yo gukingira ibidukikije mu ngingo yayo ya 17 itegekanya gutunganya neza ibibanza vyose bigeramiwe nka Kizingwe-Bihara. Rénilde Ndayishimiye akavuga ariko yuko ingorane nyamukuru Reta ifise ari uburyo buke bwo gushobora kurangura ibikorwa nk’ivyo gukingira inkombe z’inzuzi n’imisozi imanyagurika. Agirako ahamagarira amakomine kwiyungunganya mu gutabara uturere twayo tugeramiwe, Reta nayo ikaza yunganira mu vyananiranye.

Forum

XS
SM
MD
LG