Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Alain Guillaume Asaba Kurekurwa ivy'Agateganyo Atanze Ingwati


Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikirangani wa mbere w'Uburundi
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikirangani wa mbere w'Uburundi

Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikirangani wa mbere asaba ubutungane bw’Uburundi kumurekura ivy'agateganyo kubera uburwayi, agatanga ingwati.

Urubanza rwatanguye kwumvirizwa nk’igihe c’isaha zitanu z’agatondo, rurangira isaha indwi zirenga. Yunganiwe n’umushingwamanza wiwe, Bunyoni yavuze ko imibereho afunzwemwo ari mibi cane mw’ibohero rikuru rya Gitega aho ari kuva mu kwezi kw’indwi.

“Icumba mfungiwemwo kiriko inzugi zitatu zama ziriko ingufuri. Imfunguruzo zimwe zibikwa n’umukuru w’ibihero izindi zikaba zifiswe n’umukuru wa komisariya y’igipolisi i Gitega. Haramutse habaye ikintu kibi sinobasha gusohoka aho hantu”, ni ko Alain Guillaume Bunyoni yasiguriye abacamanza.

Yifuje ko yorekurwa ivy’agateganyo amenyesha ko amagara amukitse. Yatakambiye sentare agira ati, “Ngwaye diyabete igeze ku gipimo ca kabiri. Imiti n’ubuvuzi ndonka mw’ibohero ntibishobora kumfasha kugira amagara yanje yoroherwe.

Ubutungane bwarafashe ubutunzi bwanje butari buke bugizwe n’amazu n’inyubakwa hamwe n’imiliyoni ibihumbi 300. Ivyo turiteguriye kubitanga nk’ingwati kugira ndekurwe ivy’agateganyo.”

Uwuserukira Reta muri urwo rubanza yasavye ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yobandanya afunzwe kubw’ineza y’abanyagihugu muri rusangi.

Kuvyerekeye ingwara, yagize ati: “Arabandanya ahabwa imiti anavurirwa mw’ibohero nk’abandi banyororo bose”.

Urubanza ntirwaburanishijwe mw’ido n’ido. Abandi bantu batandatu barimwo koloneli wo mu gipolisi Desire Uwamahoro yahoze ari umukuru w’igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko, Samuel Destine Bapfumukeko yahoze ari mu bakozi bakuru b’igendereza na Come Niyonsaba yari ajejwe kwubakishiriza Alain Guillaume Bunyoni na bo nyene barerwa muri urwo rubanza barengutse. Basavye nabo nyene kurekurwa ivy’agateganyo. Bapfumukeko yasiguye ko yabazwe umugongo kandi ukuba mw’ibohero bimusonga. Ariko uwaserukiye Reta ntivyamukuye kw’izima.

Ku bijanye na Desire Uwamahoro, uwaserukiye Reta yagize ati: “uwo ni intwazangabo yataye umurongo kandi ashobora gukora amahano. Umwanya uwo ari wo wose yotoroka aramutse ahawe amahirwe yo gutezurirwa”.

Uwamahoro na Bapfumukeko co kimwe na Bunyoni muri kahise bariketsweko ivyaha birimwo uguhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’ukubica cane cane inyuma no mu myiyerekano yo muri 2015 yo kwiyamiriza ikindi kiringo ca nyakwigendera Pierre Nkurunziza cateye impari n’ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemo uwo mwaka nyene.

Haraheze amezi atanu ishirahamwe Human Rights Watch riharanira agateka ka kiremwa muntu rifise icicaro muri Amerika risavye ko Bunyoni ahabwa ubutungane bwigenga. Clementine de Montoye, umushakashatsi waryo ku mugabane wa Afrika yavyiganiye ibiro vy’Ijwi ry’Amerika i Nairobi muri Kenya.

Nk’uko bamwe mu bari kw’ibohero rya Gitega bavyiganiye Ijwi ry’Amerika, umutekano wari wongerejwe ahabereye intahe y’icese y’urubanza rwa Bunyoni ku ncuro ya mbere.

"Abanyagihugu isinzi baje kwumviriza urwo rubanza. Gusa nta muntu n'umwe yari yemerewe kwinjjirana terefone kandi umuntu wese imbere yo kwinjira yabanza gusakwa n'abapolisi", ni ko abavyiboneye babwiye Ijwi ry'Amerika.

Kw'ibohero rya Gitega kuri uyu wa kane nta bantu bari bemerewe kuza kuraba ababo bahafungiwe canke kubagemurira.

"Amabarabara yose aja canke yegereye iryo bohero yugawe n'igipolisi. Nta ruja n'uruza rw'imiduga, amapikipiki n'amakinga rwari rwemewe", nk'uko abanyagihugu babibonye batubwiye.

“Bunyoni yagaragaye nk’incabwenge ku batari bamuzi kuko yiburaniye birakomera ubona ko avugana ubwenge n’ubwitonzi kandi ata bwoba. Gusa vyasa nk’igitangaza kumubona imbere y’abacamanza, kari akatabonetse. Uwavuze ko isi idasakaye ntiyabeshe pe.

Ivy’uko atorohewe vyo biraboneka kuko n’igipara yahora yimosha ntikigikwiye”, ni ko umwe mu bari mu cumba yaburanishirijwemwo yabwiye Ijwi ry’Amerika.

Naho itangazamakuru ryo hagati mu gihugu ritari ryabujijwe kuja gukurikirana urwo rubanza, amaradiyo, amatereviziyo n’ibinyamakuru vyandika ku mbuga ngurukanabumenyi nta bakozi vyari vyarungitse kw’ibohero rikuru rya Gitega.

Alain Guillaume Bunyoni yarungitswe muri iryo bohero ryo ku murwa mukuru wa politike avuye mu rya Ngozi mu buraruko aho yari afungiwe kuva kuwa 8 mu kwa gatanu 2023.

Akurikiranywe ku vyaha birimwo uguhungabanya umutekano w'igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw'igihugu, ugutunga ibirwanisho adafitiye uruhusha no gutuka umukuru w’igihugu, nk'uko parake nkuru ya Republika yabitangaje.

Hisunzwe igitabu mpanavyaha c'Uburundi, aramutse yagiriwe na bino vyaha ashobora gufungwa imyaka igera kuri 30. Sentare ntahinyuzwa imuburanisha kubera afise ubudahangarwa yavuze ko isango y’urundi rubanza izotangazwa mu misi iza ariko nta musi kanuni yamenyesheje.

Forum

XS
SM
MD
LG