Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Leta y'Uburundi Yashatse Kubuza Ikipe Dynamo Gukina BAL n'Imyambaro Yanditseko 'Visit Rwanda'


Umukino wa Dynamo wa mbere urayihuza na Cape Town Tigers
Umukino wa Dynamo wa mbere urayihuza na Cape Town Tigers

Kuri uno wa gatandatu niho inkino za Basketball Africa League BAL zitangura i Pretoria muri Africa Y’Epfo. Mw’itsinda ryiswe Kalahari ikinira aho i Pretoria harimwo imigwi ya Dynamo yo mu Burundi, Cape Town Tigers yo muri Afrika Y’Epfo Petro de Luanda yo muri Angola na Fus Rabat yo muri Maroc.

Abakinyi ba Dynamo bashitse muri ico gihugu ku musi wa mbere w’ino ndwi turiko turasozera. Naho abakinyi n’abamenyereza eka n’indongozi z’uwo mugwi bamenyesha ko biteguye bihagije, kuva kuri uno wa gatanu hari amakuru atari meza ava mu Burundi.

Ayo makuru dukesha bamwe mubagize ishirahamwe rya Basketball mu Burundi atumenyesheje ko reta y’Uburundi idatahura ukuntu umugwi userukira Uburundi wokinana imyambaro yanditseko 'VISIT RWANDA'. Uburundi bumenyesha ko budashobora kwamamaza igihugu bafitanye ibibazo bikomeye.

Twobamenyesha u Rwanda ari umuterankunga wa Basketball Africa League binyuze mu kigo RDB kijejwe iterambere ry'igihugu.

Inama yakoreshejwe n’umuhanuzi w’umukuru w’igihugu yarimwo umushikiranganji w’inkino, abarongoye Basketball mu Burundi, yarangiye hafi isaha umunani z’ijoro nkuko amakuru dukura mw’ishirahamwe ry'uwo mukino mu Burundi abitumenyesha atacizere kibonetse ko Dynamo iza gukina uno musi urukino ifitanye na Cape Town Tigers isaha imwe z’ijoro.

Ivyo biganiro vyabandanije no kuri uno wa gatandatu aho reta yagumye yerekana ko bidashoboka ko bakinana iyo myambaro.

Ikipe Dynamo yandikiye ishirahamwe rya Basketball muri Afrika wa FIBA isaba ko yokinisha imyambaro yayo itariko logo ya Visit Rwanda ngo bitabaye ivyo izo nkino Dynamo izihorere.

Burundi Basketball
Burundi Basketball

Mugihe hogira igihinduka Dynamo ntikine, abakurikiranira hagufi uwo mukino bavuga ko vyogira ingaruka mbi cane kuri Basketball y’Uburundi kuko yoca yinjira mu bihano vyotuma urwo rukino rwariko ruratera imbere mu Burundi rusubira inyuma nk’ibirenge.

Abakunzi ba basketball mu Burundi benshi twaganiriye ntibumva ukuntu reta ivanga siporo na politike.

Forum

XS
SM
MD
LG