Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Dynamo Yatsinze Urukino Rwayo Rwa Mbere Mu Ihiganwa Rya Basketball Africa League


Dynamo Basketball Club
Dynamo Basketball Club

Inkino za Basketball Africa League kuri uno wa gatandatu niho zatangura ku ncuro igira kane. Izo nkino zabereye i Pretoria muri Afrika y’Epfo mu murwi wiswe Kalahari. Dynamo y’Uburundi ikaba yitwaye neza mugutsinda Cape Town Tigers.

Urukino rwa mbere umugwi wa Dynamo wakinye mu nkino za Basketball Africa League i Pretroria muri Afrika Y’Epfo, uwo mugwi wo mu Burundi watsinze Cape Town Tigers yakinira imbere yabakunzi bayo k’umanota 86 kuri 73.

Ni urukino Dynamo yagumye imbere y’uwo mugwi wo muri Afrika Y’Epfo kuva urukino rutangura kurinda rurangire. Abakinyi batanu Dynamo yaguze kugira bayongere inguvu berekanye ko bafise ubushobozi bwo gufasha Dynamo kugera kure hashoboka.

Otobo Israel yinjije amanota 21 co kimwe na Bryton Antonio Hobbs yinjije amanota 20 bafashije bimwe bigaragara cane Dynamo gushikira intsinzi ariko tutibagiye akazi gakomeye cane kakozwe na Morakinyo Williams yafashije umugwi wiwe cane mu kuzibira.

Iyo ntsinzi ya Dynamo ishobora gufasha uwo mugwi kwitwara neza mu rukino izohura kuri uno w’Imana isaha icumi mu masaha y’I Bujumbura na FUS de Rabat yo muri Maroke kuko abakinyi bamaze kubona ko vyose bishoboka.

Iyi FUS de Rabat, mu mukino ufungura yatsinze Petro de Luanda yo muri Maroke k’umanota 82-73.

Iyo ntsinzi ya Dynamo Olivier Ndayiragije icegera c’umumenyereza wa Dynamo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bayikesheje ishaka ry’abakinyi.

Abakunzi ba Dynamo bakurikiye urwo rukino bari I Bujumbura banejerejwe n’iyo ntsinzi y’umugwi wabo bakaba bizera ko n’izindi ntsinzi zizoboneka.

Urwo rukino rwahatswe gusiba. Abarongoye Uburundi bari barahiye bararengwa ko Dynamo idashobora gukina yambaye impuzu zanditseko “VISIT RWANDA” ngo kuko badashobora kwamamamaza igihugu bafitanye ibibazo.

Amakete ava mw’ishirahamwe rya Basketball mu Burundi yacanacanyeko gushika aho babwira Dynamo ko izo nkino yozireka nimba Visit Rwanda itavuye ku mpuzu bakinana.

Vyagiye kurangira Dynamo ikinye urwo rukino ku myambaro yabo amajambo Visit Rwanda afukishije agatambara kirabura, ivyashimishije abakunzi ba basketball mu Burundi kuko iyo Dynamo iramuka idakinye yari gucimba ihadabu ryosubije inyuma cane basketball mu Burundi kandi yariko itera intambwe ija imbere.

Ku rubuga X rwahora rwitwa Twitter, Prezida Evariste Ndayishimiye yagize ati « Ndakeje cane umurwi w'umupira wa basket Dynamo kw’iteka uriko uratera Uburundi n'ingene uriko uritwara neza mu nkino zo mw'ihiganwa BAL uno musi ukaba utahanye iyindi ntsinzi. Turabateye intege mu nkino zizokurikira, mutere imbere nk'umuzinga,turi kumwe namwe. »

Forum

XS
SM
MD
LG