Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Amerika: Ibice 100 kw'Ijana vy'Abanyagihugu bo muri Gaza Bageramiwe n'Inzara


Bamwe mu bana bo muri Gaza batondeye inrya, bitwaje amasafuriya.
Bamwe mu bana bo muri Gaza batondeye inrya, bitwaje amasafuriya.

Bitegekanijwe ko umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, agendera muri iyi ndwi, ibihugu vya Arabiya Sawudite na Misiri, mu biganiro avuga ko bizoshimikira ku migambi yo gupfundika amasezerano y’agehengwe mu ntara ya Gaza.

Mu rugendo arimwo muri Filipine, Antony Blinken kuri uyu wa kabiri, yabwiye abamenyeshamakuru ko hazotegerezwa gutegekanywa imigambi ijanye n’ivyerekeye ubuyobozi, umutekano, imfashanyo y’abanyagihugu n’iterambere mu ntara ya Gaza.

Blinken yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye Isirayeri gutegekanya imigambi yerekeye intara ya Gaza. Yavuze ko abandanya kugira icizere ko intambara muri Gaza izorangira mu buryo bwihuta bushoboka.

Antony Blinken yavuze ko ukugene abanyagihugu bamerewe mu ntara ya Gaza ari ibintu biteye agahinda. Yavuze kandi kuri raporo y’ishirahamwe ONU ivuga ko abanyagihugu bose baba mu ntara ya Gaza bakeneye imfashanyo.

Yibukije ko ibice 100 kw’ijana vy’abanyagihugu baba mu ntara ya Gaza bageramiwe bikomeye cane n’inzara. Yavuze ko ari ubwa mbere abanyagihugu bose bashirwa barerwa gutyo.

Inyubako nyinshi n’inzu mu bice binini vy’intara ya Gaza vyarasenyutse mu gihe Isirayeri ibandanya ibikorwa vyayo vyo kuzimanganya umurwi Hamas inyuma y’ibitero vyawo vyo kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2023.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu ntara ya Gaza bwaratangaje ko ibitero vya Isirayeri vyahitanye Abanyapalestina bagera ku 32.000, benshi muri bo, abapfasoni n’abana. Abarenga ica kabiri c’abantu baba mu ntara ya Gaza barahunze ingo zabo.

(VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG