Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Amerika: Inama Nshinagamateka Yemeje Amafaranga Reta Izokoresha uyu Mwaka


Inama nshinagamateka ya Amerika, kuri uyu wa gatanu yemeje itegeko rigenga amafaranga reta izokoresha muri uyu mwaka. Iyo iryo tegeko ritari kwemezwa, kuri uyu wa gatanu igihe c'isaha zitandatu zo mw'ijoro mu masaha y'i Washington DC, imirimo imwe imwe ya reta ya Amerika, yari guhagarara.

Inama nshingamateka ya Amerika, kuri uyu wa gatanu yemeje umuliyaridi n’imiliyoni 200 y’amadolari reta izokoresha muri uyu mwaka. Itegeko rigenga ayo mafaranga ryarungitswe mu nama nkenguzamateka imbere y’igihe ntarengwa kugira iryemeze ku ruhande rwayo.

Iryo tegeko ryatowe n’abashingamateka bo mu migambwe yompi 286 mu gihe 134 bataritoye. Iryo tegeko ryemejwe amasaha mekeyi imbere y’uko amafaranga agenewe ibiro bimwe bimwe n’imigambi imwe imwe vya reta, arangira.

Biteganijwe ko inama nkenguzamateka ya Amerika yemeza ku ruhande rwayo iryo tegeko, mu mwizero ko rirengana muri izo nzego zompi imbere y’isaha zitandatu zo mw’ijoro mu masaha y’i Washington DC.

Prezida wa Amerika, Joe Biden yatangaje ko azoriterako umukono. Kwemeza iryo tegeko mu nama nshingamateka vyari vyari vyafshe ikiringo c’amezi atari make. Abayobozi b’inama nshingamateka na nkenguzamateka bakiye neza iyemezwa ry’itegeko rigenga amafaranga reta izkoresha muri uyu mwaka. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG