Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Ibikorwa Vya Reta Vyahatswe Kugara muri Amerika


Joe Biden, Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Joe Biden, Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, ku musi wa gatandatu w'indwi irangiye yarateye igikumu kw'itegeko ritegekanya amafaranga reta izokoresha muri uyu mwaka.

Ayo mafaranga agera ku miliyaridi igihumbi n'imiliyoni amajana abiri y'amadolari. Iyo ngingo yatumye imirimo n'imigambi imwe imwe ya reta bidahagarara.

Prezida Biden yateye igikumu kuri iryo tegeko amasaha makeyi inyuma y’uko ryemejwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Hari inyuma y’amezi make y’ibiganiro bitari vyoroshe.

Ayo mafaranga yemejwe azokoreshwa mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi no mu bindi bisata vya reta, ntarimwo imiliraridi 95 y’imfashanyo zigenewe umutekano w’ibihugu vya Ukraine, Isirayeri na Tayiwani.

Ingingo yerekeye uyo mutahe w’imfashanyo yagenewe ivyo bihugu, yaremejwe n’inama nkenguzamateka, yamara ntiremezwa mu nama nshingamateka, kubera bamwe mu bo mugambwe w’Abarepublika bagonanwa ku bijanye no kubandanya gushigikira Ukraine mu rugamba irimwo n’igihugu c’Uburusiya.

Ijwi rya Amerika, Servisi y’ururimi rwa Ukraine, ryarabajije Madeleine Dean, umushingamateka w’umudemokrate, aturuka muri Reta ya Pennsylvania niba umugambwe wiwe uzobandanya kuremera Abarepublika kugira hatunganywe itora kuri iyo ngingo.

Madeleine Dean yagize ati "Mbona ko kutabandanya gushigikira Ukraine, igihugu ducuditse hamwe na demokrasi yaco ari ibintu biteye kubiri n’imico n’imigenzo biranga Amerika. Ukraine irangwa na demokrasi itarashinga imizi iri mu rugamba rukomeye aho iriko yerekana ubutwari bukomeye. Ngaha muri Amerika dutegerezwa kwishura kuri ubwo butwari mu guha Ukraine uburyo ikeneye."

Yamara bamwe mu bashingamateka b’Abarepublika nka Andy Barr, ava muri Reta ya Kentucky, barashigikiye imfashanyo igenewe Ukraine, naho yanebaguye uburyo Prezida Joe Biden ariko avyifatamwo ku bijanye n’Uburusiya.

Andy Barry agira ati "Nanje ndemera ko Reta ya Prezida Biden ikeneye gufata imigambi irashe kurushiriza ku bijanye no gufasha Ukraine gutsinda intambara irimwo n’Uburusiya. Imigambi yo muri iki gihe ya Prezida Biden ku vyerekeye ibihano si imigambi ikomeye. Ivyo bihano ntibibuza Uburusiya kuronka amafranga n’uburyo iriko ikoresha mu ngwano muri Ukraine. Ivyo bihano birimwo ingingo zijegajega, ari naco gituma Uburusiya budandanya kuduca mu myanya y’intoke."

Abademokrate bo mu nama nshingamateka bariko bagerageza gukoresha uburyo bwotuma haba itora ku miliyaridi 95 y’amadolari y’imfashanyo ya gisirikare igenewe Ukraine badaciye ku barepublika.

Forum

XS
SM
MD
LG