Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Umushikiranganji Ajejwe Kwivuna Abansi wa Isirayeli Yagendereye Amerika


Antony Blinken, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri, Yoav Gallant
Antony Blinken, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri, Yoav Gallant

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa mbere, arabonana n'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri, Yoav Gallant, i Washington DC.

Bitegenijwe kandi ko Yoav Gallant abonana n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Loyd Austin, umuyobozi w’ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, William Burns, n’umuhanuzi w’ibiro kwa Prezida wa Amerika, ku bibazo bijanye n’umutekano w’igihugu, Jake Sullivan.

Blinken yarabonanye n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu n’abandi bategetsi ba Isirayeri, ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, ku murwa mukuru, Tel Aviv. Hari mu twigoro twa gushika ku gahengwe k’indwi zitandatu hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, kotuma abo uwo murwi wagize imbohe mu bitero wakoze kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka rurangiye, barekurwa.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yatangaje ko Reta ya Prezida Biden ibandanya kudashigikira imigambi ya Isirayeri yo gukora ibitero bikomeye mu gisagara ca Rafah kiri mu bumanuko bw’intara ya Gaza. Abanyapalesitina imiliyoni n’imiliyoni bahungiye muri ico gisagara, aho baba mu mahema. Inteko za Israyeri zabategetse kuva mu ngo zabo, igihe zariko zinjira mu buraruko bwa Gaza mu ntango z’ingwano hagati yazo n’umurwi Hamas.

Antony Blinken yavuze ko ibitero vya Isirayeri mu gisagara ca Rafah vyotuma abandi basivile b’Abanyapalestina batari bake bahasiga ubuzima, kandi n’ amakungu agacira ivomo Isirayeri kurushiriza.

Yamara umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu yatangaje ko adakeneye gushigikirwa na Amerika kugira inteko ziwe zikore ibitero mu karere ka Rafah. Yavuze ko ibitero muri ako karere bikenewe kugira abarwanyi ba Hamas bagisigaye, bazimanganywe. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG