Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

ONU Isaba ko Haba Agahengwe mu Ntara ya Gaza


Umunyambanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres,
Umunyambanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres,

Umunyambanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres, kuri uyu wa mbere, yatangaje ko bikenwe cane ko haba agahengwe mu ntara ya Gaza kotuma abanyagihugu baho baronswa imfashanyo nyinshi kurushiriza.

Antonio Guterres yatangaje ko Abanyapalestina baba mu ntara ya Gaza basinzikajwe bikomeye n’ikigoyi. Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Jordaniya, Antonio Guterres yavuze ko ishirahamwe ONU ayoboye rizoguma risaba ko imfashanyo zemererwa gushika mu ntara ya Gaza zinjiriye mu bice vyinshi. Yasavye Isirayeri kudashiraho intambamyi na zimwe ku bikorwa vyo gutanga imfashanyo muri Gaza.

Guterres yavuze ko imfashanyo zikomeye kandi zihutirwa zikenewe cane cane mu buraruko bw’intara ya Gaza. Arashigikiye agahengwe mu ngwano iriko ibera muri Gaza kugira vyorohereza imfashanyo nyinshi kurushiriza. Guterres yatangaje ko ata nyishu izoboneka ku vyerekeye gutabara abanyagihuhu baba muri Gaza mu gihe ingwano ibandanya kwiha inkumbi muri iyo ntara.

Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gutabara yaridogeye ivy’uko adashobora gushikira intara ya Gaza kugira ahe imfashanyo abanyagihugu baho. Yatanze akarorero k’amakamyo atwaye imfashanyo Isirayeri ibuza ko yinjira mu ntara ya Gaza hamwe n’ingwano ihabandanya. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG