Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Amerika: Ubwato Bwasetse Ikiraro Gikomeye mu Gisagara ca Baltimore


Ikiraro cya Scott Key Bridg mu mujyi wa Baltimore
Ikiraro cya Scott Key Bridg mu mujyi wa Baltimore

Ubwato butwara ibidandazwa bwasetse ikiraro gikomeye citwa Key Bridge, mu gisagara ca Baltimore, muri Reta ya Marlyland, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Iryo sanganya ryabaye mu gitondo co kuri uyu wa kabiri, ryatumye ico kiraro gisenyukira mu ruzi ruri musi yaco. Imodoka zitari nke zaguye mu mazi y’igikonyozi y'urwo ruzi.

Abajejwe gutabara bariko bararondera aboba barokotse. Icatumye ubwo bwato buseka ico kiraro ntibitomoye. Ubwo bwato bwari butwaye ibidandazwa bwasetse ikiraro citwa, Fancis Scott Key Bridge, mu gihe c’uruja n’uruza rukomeye rw’imodoka mu masaha yo mu gitondo co kuri uyu wa kabiri. Abantu 2 batabawe, yamara igitigiri c’abandi batari bake bashobora kuba baguye mu mazi ari musi y’ico kiraro, ntikiramenyekana.

Amasanamu ya videwo yafashwe igihe ico kiraro cariko kirasenyukira mu mazi, yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi. Ubwo bwato bwatse umuriro inyuma y’iyo mpanuka. Brandon Scott, umukuru w’igisagara ca Baltimore, yatangaje ko atawokwigeze yiyumvira ko yabonye n’amaso yiwe ikiraro gikomeye ca Key Bridge gisenyuka ukuraho. Yavuze ko uko ibintu vyagenze ni nk’uko bigenda mw’ireresi. Brandon Scott yatangaje ko isanganya ryabaye mu masaha ya kare yo kuri uyu wa kabiri ari ibintu bibabaje cane kuruta uko umuntu ashobora kubivuga.

Abategetsi bo mu gisagara ca Baltimore batangaje ko igitigiri c’abantu batari bake bariko barakora kuri ico kiraro igihe casenyuka. Imodoka zitari nke zaguye mu mazi akanye ari ku metero 15 musi y’ico kiraro.

Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu wa Reta ya Maryland, Paul Wiesefeld, yatangaje ko uruja n’uruza rwose rw’ubwato ku kivuko ca Baltimore rwahagaritswe gushika hari ibindi bitangajwe.

Bulamatari wa Reta ya Marlyland, Wes Moore, yatangaje ingingo zo mu bihe bisadanzwe. Yavuze ko ariko akora kugira Reta ya Amerika imuronse uburyo akeneye.

Wes Moore yagize ati: "Muri iki gitondo, reta yacu yaguye mu gahundwe. Nshaka gufata aka kanya kugira mbwire abanyagihugu ba Reta yacu ko nkengurukiye cane mwebwe mwese mwashitse ubwa mbere ahabereye isanganya, ku butwari bwanyu, inguvu mwerekanye, ku bintu vyose mukora ku nyungu za twese. Mwabonye ivyabaye, muca muribaza ico mwokora kugira mutabare. Abagiye ahabereye isanganya bariko barakora ibishoboka vyose kugira batabare abageramiwe n’isenyuka ry’ikiraro ca Key Bridge, muri uyu mwanya tuvugana"

Ibiro bijejwe gutohoza ivyaha muri Amerika, FBI, vyishikiye ahabereye isanganya ku kiraro ca Key Bridge mu gitondo co kuri uyu wa kabiri. Yamara umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu wa Reta ya Maryland yavuze ko ata teraboba bariko bikeka ku vyabaye. Prezida wa Amerika, Joe Biden yaciriwe ku mayange yahawe amakuru ajanye n’iryo sanganya. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG