Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Isirayeli Itsimbaraye ku Mugambi wo Kuzimanganya Umurwi wa Hamasi


Ministri w'Intebe wa Isirayeli Benjamin Netanyahu
Ministri w'Intebe wa Isirayeli Benjamin Netanyahu

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Natanyahu, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko agitsimbataye ku mugambi wiwe wo kuzimanganya umurwi Hamas. Ni mu gihe, yanebaguye ingingo y'urwego rwa ONU rujejwe amahoro n'umutekano kw'isi isaba ko haba agahengwe mu maguro masha, mu ngwano yo mu ntara ya Gaza.

Benjamin Netanyahu yatangaje ko atazokwubahiriza ivyasabwe n’umurwi Hamas yavuze ko bitagira umutwe n’amaguru. Yavuze ko azobandanya gukora ibishoboka vyose kugira ashike ku migambi yose yihaye ku vyerekeye ingwano mu ntara ya Gaza. Iyo migambi akaba ari ukubohoza abantu bose bagizwe imbohe, gusambura ubushobozi bwa gisirikare bw’umurwi Hamas no kubona ko intara ya Gaza itagikeramiye umutekano wa Isirayeri.

Abategetsi b’umurwi Hamas, ku musi wa mbere, bavuze ko babwiye abajejwe ibiganiro bariko bakora uko bashoboye kugira bashike ku masezerano yerekeye agahengwe. Basiguye ko umurwi Hamas utazohindura ivyo washikirije birimwo gukura inteko zose za Isirayeri mu ntara ya Gaza, guhanahana abanyororo bari mu mabohero muri Isirayeri hamwe n’abo uwo murwi wagize imbohe.

Impande zompi zitana mu mitwe mu ntara ya Gaza zagumye zitsimbataye ku ngingo zafashe zihagaze ku vyo zisaba. Muri iki gihe hari utwigoro tumaze indwi zitari nke twa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Misiri, na Katari mu ntumbero yo gutora uburyo bwo guhagarika vy’agateganyo intambara, kurekura abagizwe imbohe no kwongereza imfashanyo abasivile baba mu ntara ya Gaza bakeneye vyihutirwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko aho umurwi Hamas uhagaze vyerekana ko uwo murwi yise uw’iterabwoba udashaka kubandanya ibiganiro bifise intumbero yo gupfundika amasezerano yumvikanyweko n’impande zompi. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG