Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Canada: Imyiyerekano y'Abemeza ko Bafashwe ku Nguvu n'Abarimwo Indongozi za Katorika


Kardinari Gérald Cyprien Lacroix ari mu bagirizwa kuba barakoze ihohotera rishingiye ku gitsina, kumwe na Papa.
Kardinari Gérald Cyprien Lacroix ari mu bagirizwa kuba barakoze ihohotera rishingiye ku gitsina, kumwe na Papa.

Abanyagihugu bemeza ko bakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina na zimwe mu ndongozi za Ekleziya Katorika muri Canada, bakoze imyiyerekano mu mabarabara yo mu gisagara ca Quebec.

Abahohotewe bari baherekejwe n’incuti zabo, hamwe n’ababuranira. Bavuze ko biyerekanye kugira berekane ko hari indongozi za Ekleziya katorika zikora ihohotera rishingiye ku gitsinda, bongere batinyure abarikorewe kuvugira hejuru ivyabashikiye.

Diyoseze ya Québec, ihanzwe n’abantu barenga 140 bemeza ko bahohotewe n’abapadiri, ndetse n’abakorera iyo diyoseze barenga 100. Mu batungwa agatoke, harimwo Kardinari Gérald Cyprien Lacroix, umuhanuzi yegereye cane Papa Fransisiko, hamwe na Kardinari Marc Ouellet, yigeze kubonwa nk’uwufise amahirwe menshi yo kuba Papa. Abo ba Kardinari uko ari babiri barahakana ivyo bagirizwa.

Abiyerekanye, bari bagwiriyemwo abafise imyaka itari iy’ubuyabaga. Bashinze imisaraba imbere ya Bazirika ya Notre-Dame de Québec, nk’ikimenyetso c’igitigiri c’abahohotewe n’abari muri Ekleziya Katorika ya Canada.

Umwe mu bavuganye n’itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ntashime ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko yafashwe ku nguvu akatari gake n’uwigeze kuba atwara diyoseze ya Quebec.

Ico gihe, uwo muhumure w’imyaka irenga 70 yari afise imyaka 12. N’amarira mu maso yagize ati: “ Maze imyaka 60 ndindiriye gutunganirizwa. Mukwiriye kuzimangana.” Yemeje ko igikomere n’umutwaro yatewe n’ivyamushikiye azovyikorera ubuzima bwiwe bwose.

Uwundi nawe, yasiguye ko yahigimanze kuza gukora iyo myiyerekano kukwanka ko imwibutsa ivyamushikiye, n’ingaruka vyamugizeko.

Pierre Bolduc, aserukira abafashwe ku nguvu n’abo muri diyoseze ya Quebec, yavuze iyo diyoseze yotahura ko batazohesha batabonye ubutungane. Amaze imyaka 14 akorera kuri ino dosiye.

Papa Fransisiko mu ntango z’uku kwezi kwa gatatu yasavye ubutungane ko bwokora amatohoza kuri iki kibazo.

Forum

XS
SM
MD
LG