Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Isirayeri Yakoze Ibitero vy'Indege z'Ingwano mu Bumanuko bwa Libani.


Abarwanyi b’umurwi Hezbollah muri Libani, nabo, kuri uyu wa gatatu, barashe rokete mu buraruko bwa Isirayeri. Hari mu ntumbero yo kwihora ku bitero vy’indege z’ingwano Isirayeri yakoze mu bumanuko bwa Libani vyahitanye abantu 7. Umuntu umwe yishwe mu gitero ca rokete c’abarwanyi ba Hezbollah mu gisagara ca Kiryat Shmona,i co muri Isirayeri kiri ku rubibe na Libani.

Igisirikare ca Isirayeri catangaje ko ibitero vyaco vy’indege z’ingwano muri Libani vyakozwe ku nyubakwa ya gisirikare, bihitana umunywanyi w’umurwi, al-Jamaa al-Islamiya yateguye ibitero vy’iterabwoba kuri Isirayeri.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufaransa, AFP, ryatangaje amakuru yatanzwe n’umwe mu bategetsi w’umurwi al-Islamiya, avuga ko abantu 7 bishwe mu mihana y’ahitwa Hebbariyeh muri Isirayeri. Amakuru yatanzwe n’abajejwe umutekano muri Libani, yatanze igitigiri nk’ico.

Ivyo bitero ni vyo vya nyuma biherutse kuba hagati ya Isirayeri n’abarwanyi b’umurwi Hezbollah ku rubibe Isirayeri ihana na Libani. Ni mu gihe Isirayeri iriko ikora ibitero bifise umugambi wo kuzimanganya abarwanyi b’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza.

Igisirikare ca Isirayeri catangaje kandi, kuri uyu wa gatatu, inteko zaco zirwanira ku butaka zakoze ibitero mu kibanza kirimwo ibitaro vyitwa Shifa, mu buraruko bw’intara ya Gaza. Kivuga kandi ko cakoze ibitero vy’indege z’ingwano n’ivyo ku butaka mu karere ka Khan Younis mu gice co mu bumanuko bw’intara ya Gaza. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG