Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Amerika: Abantu 6 Baguye mu Ruzi Ikiraro Key Bridge Gisenyuka Boba Batakiriho


Ubwato bw'abakora ubutabazi bushakisha abantu 6 baguye mu mazi
Ubwato bw'abakora ubutabazi bushakisha abantu 6 baguye mu mazi

Abategetsi muri Reta ya Maryland, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bibaza ko abakozi 6 bataratorwa gushika ubu, inyuma y'uko ikiraro gikomeye citwa Key Bridge kiri mu gisagara ca Batlimore gisenyutse ku musi wa kabiiri, bitavye Imana.

Abo bantu bataratorwa bari mu bantu 8 bariko bakora kuri ico kiraro casenyutse igihe ubwato butwaye ibidandazwa bwaseka imwe mu nkingi zikomeye zaco. Vyatumye ico kiraro gisenyukira mu ruzi rwitwa Patapsco. Igikorwa co kurondera ibiziga vy’abo bakozi 6 vyari vyahagaze ejo ku musi wa kabiri, vyasubiye kubandanya kuri uyu wa gatatu. Wes Moore ni Bulamatari wa Reta ya Maryland.

Wes Moore yagize ati: “Turifatakije mu mubabaro n’imiryango yabuze ababo. Sinshobora no kwibaza umubabaro iyo miryango ifise. Twarahuye n’iyo miryango tuyemerera ko turiko dukoresha uburyo bwose dufise kugira

dutore ababo. Dushaka kubamenyesha ko tutakibarondera nk’abantu bakiri bazima, yamara ko tuzokora ibishoboka vyose kugira dutore ibiziga vyabo. Ni ibintu twiyemeje kurangura”

Babiri mu bariko bakora ku kiraro Key Bridge baratabawe, umwe muri bo akaba yajanywe mu bitaro ababaye cane, mu gihe uwundi ataco yabaye. Abajejwe itohoza bahava bamaze kwinjira mu bwato bwateye impanuka yo ku musi wa kabiri kugira batororokanye amakuru ashobora gusigura uko ibintu vyagenze.

Prezida wa Amerika, Joe Biden, yatangaje ko azosaba Kongre ya Amerika gutanga amafaranga agenewe gusubira kwubaka ikiraro casambutse. Arafise kandi imigambi yo kugendera ikibanza isanganya ryo ku musi wa kabiri ryabereyemwo.

Uruja n’uruza rw’ubwato ku kivuko co mu gisagara ca Baltimore, rwarahagaritswe. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG