Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Amerika, Uburundi n'u Rwanda Birashima uko Amatora ya Senegali Yagenze


Ifoto y'abakandida bari bahiganye mu matora ya Prezidqa wa Senegalil. Uwuza imbere mu majwi, ni Ndakeje Bassirou Diomaye Faye, agira ubwa kabiri uvuye i bubamfu. Ni nawe muto mu myaka muri abo bose. Afise imyaka 44.
Ifoto y'abakandida bari bahiganye mu matora ya Prezidqa wa Senegalil. Uwuza imbere mu majwi, ni Ndakeje Bassirou Diomaye Faye, agira ubwa kabiri uvuye i bubamfu. Ni nawe muto mu myaka muri abo bose. Afise imyaka 44.

Prezida wa Amerika, Joe Biden, yakeje Bassirou Diomaye Faye ku ntsinzi yiwe mu matora ya prezida wa Senegali.

Itangazo rya Prezida Biden, rigira riti: “Ndakeje Bassirou Diomaye Faye, kandi nipfurije ivyiza abanyagihugu ba Senegali, berekanye ko uburenganzira bwo gutora, no guha agaciro amajwi y’abatoye bikiri umushinge wa demokarasi.”

Biden yabandanije yandika ko, mu kiringo kigera ku myaka 60, Senegali na Amerika bakoranye imigambi itandukanye, irimwo kurwaniriza hamwe abakora iterabwoba, guteza imbere imirire myiza, kurwanya ihindagurika ry’ibihe, kurwanya ibiturire, n’ibindi.

Iryo tangazo rikomeza rigira riti “mu myaka iri imbere, ndizera ko tuzokomeza uwu mugenzo wo gukorana, kugira haboneke kazoza keza, gatekanye kuri bose.”

Mu bategetsi bo mu karere k’ibiyaga binini vya Afurika bamaze gukeza Bassirou Diomaye Faye, harimwo prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye. Ku rubuga rwiwe rwa X yanditse ati: “Ndakeje Bassirou Diomaye Faye ku ntsinzi nziza yaronse. Ndakeje abanyagihugu ba Senegali beretse amakungu ko demokarasi y’igihugu cabo itajegajega. Uburundi bwemeye kuzokorana nawe muri manda yawe yose.”

Prezida w’u Rwanda, Paul Kagame nawe ku rubuga rwiwe rwa X, yanditse ati: “Ndakeje Bassirou Diomaye Faye. Intsinzi yiwe yerekanye icizere abanyagihugu bamufitiye. Ndakeje abanyagihugu ba Senegali, kw’itunganywa ry’amatora atekanye bakoze. Nishimiye ko ugukorana hagati y’ibihugu vyacu kuzobandanya gukomera”

Forum

XS
SM
MD
LG