Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Amerika Yabwiye Isirayeri Ko Idashigikiye Ibitero mu Karere Ka Rafah Mu Ntara ya Gaza


Rafah yahungiyemwo abarenze miliyoni n'igice
Rafah yahungiyemwo abarenze miliyoni n'igice

Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa kane, catangaje ko ingwano n'umurwi Hamas iriko ibera mu karere karimwo ibitaro vyitwa Shifa mu buraruko bw’intara ya Gaza, hamwe no mu karere ka Khan Younis mu bumanuko bw'iyo ntara.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu ntara ya Gaza iyobowe n’umurwi Hamas, bwavuze ko Abanyapalestina 62 bishwe, ku musi w’imbere yaho.

Ubwo bushikiranganji bwatangaje ko abantu batari musi y’i 32,552 bishwe kuva Israyeri itanguye ibitero vyayo mu ntara ya Gaza.

Muri ico gihe, Isyareri, ku musi wa gatatu, yaremeye kurungika abahinga bayo mu vyerekeye ingwano i Washington muri Reta zunze ubumwe za Amerika, kuganira imigambi y’igihugu cabo yo gukora ibitero vy’inteko zirwanira ku butaka mu gisagara ca Rafah kiri mu bumanuko bw’intara ya Gaza.

Ku musi wa mbere, Israyeri yari yahagaritse urugendo rw’abo bahinga, mu ntumbero yo kwiyamiriza ingingo ya Amerika yo kwanka kuzibira ingingo y’urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi isaba agahengwe bidatevye mu ngwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas.

Naho umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu yari yahagaritse urugendo rw’abahinga biwe mu vyerekeye ingwano, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri, Yoav Gallant yari i Washington muri iyi ndwi mu biganiro n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Lloyd Austin hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Antony Blinken.

Netanyahu, yatangaje ko ibitero mu gisagara ca Rafah bikenewe mu ntumbero yo kuzimanganya umurwi Hamas mu ntara ya Gaza.

Yamara Reta Zunze Ubumwe za Amerika zabwiye Israyeri ko zidashigikiye ibitero mu karere ka Rafah,cane cane ko abasivile b’Abanyapalestina barenga umuliyoni bahungiye muri ako karere aho baba mu mahema.

Forum

XS
SM
MD
LG