Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Abanyamerika Basabwe Kwitondera Amakuru y'Ibinyoma Mu Gihe C'Amatora


Amatora muri Amerika
Amatora muri Amerika

Abahinga banonosoye ivyerekeye amatora, bavuga ko Abanyamerika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bakwiye kumenya ko muri iki gihe hari makuru y'ibinyoma aturutse mu mahanga, afise intumbero yo guhungabanya amatora y'umukuru w'igihugu, ategekanijwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kwezi kw'icumi na rimwe muri uyu mwaka.

Abategetsi bajejwe iperereza muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bariko bakora bataruhuka kugira bakingire ibikorwa biturutse mu mahanga vyo kwivanga mu matora.

Yamara abahinga batangaza ko utwigoro two gukwiragiza amakuru y’ibinyoma twamaze gutangura.

Sean Minor ni umuhinga akomeye mu bijanye n’iperereza mw’ishirahamwe, Recorded Future.

Uyu yagize ati "Kubiba indyane, no guca inkokora kugira ntibizere inzego za demokrasi muri Amerika vyama vyanditse ku mbuga ngurukanabumenyi. Biba bifise intumbero yo kuraba niba demokrasi itsimbataye. Akarorero, mu gihe igihugu co mu mahanga cummva ko umuntu ariko ahiganirwa amabanga ya politike mu gihugu ciwe aba atagifitiye akamaro, ico gihugu kirakora ibishoboka vyose kugira kimubangamire."

Senateri Mark Warner wa Leta ya Virjiniya
Senateri Mark Warner wa Leta ya Virjiniya

Mark Warner, umukenguzamateka w’umudemokrate ayoboye akanama kajejwe iperereza mu nama nkenguzamateka ya Amerika, yatangaje ko ubuhinga bwa none butera bukomera kurushiriza, bushobora gufasha abantu batagenzwa n’ineza gukwiragiza ibinyoma mu buryo bworoshe kandi bwihuta kurushiriza.

Yagize ati "Hari ubundi buhinga bwa none bushasha buriko burakoreshwa mu bisata bitandukanye bita, Artificial Intelligence, AI, mu mpfunyapfunyo, mu rurimi rw’icongereza. Ubwo buhinga burongereza ivyerekeye kwivanga mu bikorwa vy’abandi hamwe no gutanga amakuru y’ibinyoma. Mbona ko bikenewe cane ko dukorera hamwe umuntu ataravye ivyiyumviro vya politike aba afise,tukumvisha Abanyamerika ko ico ari ikibazo gikomeye cane ataho kiriko kiraja."

Umutekano w'amatora
Umutekano w'amatora

Abanyagihugu bafise uruhara mu matora muri Amerika, Ijwi rya Amerika ryabajije, batangaje ko bazi neza ibibazo ubuhinga bushasha bwa none bushobora gutera mu gukwiragiza amakuru y’ibinyoma. Yamara bamenyesha ko bizova ku wari we wese gutandukanya ukuri n’ibinyoma, cane cane ku mbuga ngurukanabumenyi.

Caylon Weathers, ni Umunyamerikakazi aturuka muri Reta ya Tennessee, yamara aba muri iki gihe muri Reta ya Virginiya. Ari mu batora muri Amerika.

Avuga ko abantu bashobora gukoresha ubuhinga bushasha bwa none bwa AI mu ntumbero yo guhuvya abandi, no guhindura ivyo baba bavuze mu vy’ukuri.

Umutekano wamatora muri Amerika
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:42 0:00

Ivyiyumviro ku batora ku kugene bovyifatamwo ku bijanye n’ivyo bibazo biratandukanye. Bamwe bavuga ko bikenewe ko hashirwaho urwego rwigenga rushobora gusuzuma amakuru atangwa. Bamenyesha ko bitagenze gurtyo, abantu baca bagirira icizere ababaha amakuru, abaribo bose canke bakizera imbuga ngurukanabumenyi, izarizo zose.

Hariho utwigoro turiko turakorwa mu ntumbero yo guha inguvu abatora kugira barwanye amakuru y’ibinyoma, kandi bagashobore gutandukanya urukurukuru n’amakuru y’ukuri.

Umuyobozi mukuru w’ibiro bijejwe gutohoza ivyaha muri Amerika, FBI, Christopher Wray, ari mu bategetsi bakomeye muri Amerika baciriye ku mayange Kongre ya Amerika ku kibazo cerekeye ikwiragizwa ry’amakuru y’ibinyoma hakoreshejwe cane cane ubuhinga bwa none.

Yatangaje ko Abanyamerika bazi ukuri bifatanije n’inzego za reta n’iz’abikorera ku giti cabo, bazogira uruhara rukomeye mu kurwanya amakuru y’ibinyoma ahuvya Abanyamerika afise intumbero yo guhuhangabanya amatora rusangi azoba muri Amerika mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka.

Forum

XS
SM
MD
LG