Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Burundi: Abanyamahanga Batewe Amakenga na Rusansuma Bakorewe


Bamwe mu banyamahanga bakorewe rusasuma
Bamwe mu banyamahanga bakorewe rusasuma

Uburundi buriko burakora rusansuma y'abanyamahanga baba muri ico gihugu. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri ico gihugu bwateguye urwo rusansuma busigura ko ari ku mvo z’umutekano w’igihugu. Bamwe mu barwitavye, babwiye Ijwi ry'Amerika ko rubateye amakenga.

Naho ibitigiri ntabanduka vy’abiyandikishe bitaramenyekana, amakuru Ijwi ry'Amerika rihabwa na bamwe mu bajejwe kwandika amenyesha ko abenshi mu bayitabiriye ari Abakongomani.

Abaduhaye amakuru batubwiye ko Abanyarwanda biyandikishije ari bake cane, ndetse ko ahenshi atawahibonekeje. Abahaye amakuru Ijwi ry'Amerika babandanya gusigura ko bikeka ko urwo rusansuma rushobora kuba rugamije kumenya Abanyarwanda baba mu Burundi.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c'Uburundi bwategetse ko abanyamahanga bose harimwo n’impunzi basubira kwiyandikisha ugushasha, buheruka kuvuga ko bwakoze rusansuma rw'Abanyarwanda mu mpisho.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Niteretse, yabivugiye mu Kayanza mu ntango z’ukwezi kwa mbere uyu mwaka, aho yatangaza ko imbibe z’Uburundi n’u Rwanda zugawe. Ico gihe, Niteretse yatangaje ko Uburundi budashaka Abanyarwanda.

Ku rundi ruhande, reta y’u Rwanda yahavuye ihumuriza Abarundi baba mu Rwanda. Mw’ijwi ry’icegera c’umuvugizi wa reta y;u Rwanda, Alain Mukularinda, u Rwanda rwasavye Uburundi gufata neza abanyarwanda babayo.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Rusansuma y'Abanyamahanga Baba mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:30 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG