Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Somaliya Yirukanye Ambasaderi wa Etiyopiya


Ikarata ya Somaliya na Etiyopiya
Ikarata ya Somaliya na Etiyopiya

Reta ya Somaliya yirukanye Ambasaderi aserukira Etiyopiya muri ico gihugu, imwagiriza ko yivanga mu bibazo vy'ico gihugu.

Reta ya Somaliya yagirije abategetsi ba Etiyopiya ko bivanga mu bibazo vya Somaliya. Yabitangaje mu gihe ifitaniye amatati akomeye na Etiyopiya ku bijanye n’amasezerano yerekeye gukoresha ikivuko kiri kw’ibahari y’Abahinde yagiranye n’intara ya Somaliland, yiyonkoye kuri Somaliya.

Reta ya Somaliya yafashe ingingo kandi yo kwugara ibiro vy’abaserukira Etiyopiya mu ntara za Somaliland na Puntland. Yongeye iramenyesha abaserukira Etiyopiya n’abakozi bo muri ivyo biro ko bategerezwa kuba bavuye mu gihugu mu ndwi zibiri.

Umushikiranganji wa Reta ya Somaliya ajejwe imigenderanire, Ali Omar, yatangaje ku rubuga, X, ko Somaliya itazokwigera idohoka ku vyerekeye kwubahiriza ubwigenge bwayo.

Yavuze ko kubera Etiyopiya yivanze mu bibazo vy’igihugu ciwe, basavye Ambasaderi wayo kuva muri Somaliya mu kiringo c’amasaha 72, kandi ko Somaliya yugaye ibiro vy’abaserukira ico gihugu mu bisagara vya Hargeisa na Garowe. Omar yavuze ko batazodohoka ku vyerekeye gukingira imbibe z’igihugu cabo. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG