Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Prezida Mnangagwa wa Zimbabwe Ntazitoreza Ikiringo ca Gatatu


Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa
Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa

Prezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, yatangaje ko ata migambi afise yo kwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Muri videwo yashizwe ahabona n’ikinyamakuru gikomeye co muri Zimbabwe, The Sunday Mail, Prezida Emmerson Mnangagwa yarabeshuje urukurukuru rw’uko ashobora kuzosubira kwitoza mu kindi kiringo kigira gatatu. Prezida Mnangagwa, afise imyaka 81, yatangaje ko ata cemezo na kimwe cerekana ko umugambwe uri ku butegetsi, ZANU PF canke we ubwiwe, yoba ashaka guca kubiri n’ibwirizwa shingiro ry’igihugu. Prezida Mnangagwa yavuze ko mu mugambwe ZANU-PF bagendera kuri demokrasi kandi bubahiriza ibwirizwa shingiro.

Umugambwe ZANU-PF, uri ku butegetsi muri Zimbabwe kuva ico gihugu kironse intahe yo kwikukira mu mwaka w’i 1980. Uwo mugambwe waronse ibibanza vyinshi cane mu nama nshingamateka mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka mu matora atahuriweko na bose. Kubera uyo mugambwe wiwe ufise abanywanyi benshi mu nama nshingamateka, ushobora guhindura ibwirizwa shingiro, uko uvyipfuza.

Ibwirizwa shingiro ryahinyanyuwe mu mwaka w’i 2013 muri Zimbabwe ritegenya ibiringo 2 vy’imyaka itanu vy’umukuru w’igihugu. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG