Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

SADC Yatangaje ko Abasirikare Bayo Bane Biciwe muri Kongo


Inteko z’ishirahamwe rijejwe iterambere mu butunzi mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC, zikorera muri Kongo zizwi kw’izina rya SAMIDRC, zatangaje ko abasirikare bazo 4 bishwe.

Izo nteko za SAMIDRC zatangaje ko zibabajwe cane no gutangaza inkuru y’iyicwa ry’abasirikare batatu n’abandi batatu bakomeretse baturuka muri Tanzaniya. Vyabaye inyuma y’uko ikibombe c’umwansi kuguye hafi y’ikambi barimwo. Inteko za SAMIDRC zimenyesha kandi ko umusirikare umwe wo muri Afrika y’epfo yakomereye muri ico gitero yapfuye igihe yariko aravurirwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Goma.

Ishirahamwe SADC ryifatanije mu mubabaro n’imryango y’abasirikare bapfuye hamwe n’amareta ya Afrika y’epfo na Tanzaniya. Ryipfurije abasirikare 3 bakomretse gukira mu buryo bwihuta. Ishirahamwe SADC ryavuze ko inteko zaryo za SAMIDRC zibandanya gushimikira ku gikorwa cazo co kwivunira umwansi hamwe nk’uko biri mu masezerano yo kwivunira hamwe y’ibihugu bigize ishirahamwe SADC yateweko igikumu mu mwaka w’i 2003.

Inteko za SAMIDRC zarungitswe muri Republika ya demokrasi ya Kongo mu ntumbero yo kwishura ku mutekano muke utera wiyongera mu buseruko bw’ico gihugu. (SADC PRESS RELEASE)

Forum

XS
SM
MD
LG