Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Abantu Bashika 96 Bapfuye Barohamye muri Mozambike


Abategetsi bo muri Mozambike bavuga ko abantu batari musi ya 96 bapfuye, abandi 20 batazwi irengero gushika ubu. Ni inyuma y’aho ejo ku musi w’Imana ubwato bwa magendo bwari butwaye abantu 130 bwibira bugeze hafi y’ikivuko kiri mu buraruko bw’igihugu.

Mu kiganiro kuri televiziyo ya reta kuri uno musi wa mbere, Umunyamabanga mukuru w’intara ya Nampula, Jaime Neto, yavuze ko ubwo bwato bwahora bukora akazi ko kuroba amafi kandi ko abantu bari baburimwo, bari umurengera. Yavuze kandi ko ubwo bwato bwavuye mu gisagara ca Lunga bugana kw’izinga rya Mozambike ku birometero bine, uvuye ku kivuko kiri mu ntara ya Nampula.

Neto yavuze ko bamwe mu bantu bari muri ubwo bwato bari bagiye mu birori kuri iryo zinga, abandi bakaba bari bahunze ikiza ca Kolera cibonekeza mu gihugu muri iki gihe.

Abategetsi bavuga ko bashoboye gutabara abantu 11 kandi ko ibikorwa vyo kurondera abandi bikibandanya.

Forum

XS
SM
MD
LG