Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Kenya: Abarenga 50 Bari mu Modoka Yaguye mu Ruzi Barokotse


Abanyagihugu bariko bava mu modoka yibiye
Abanyagihugu bariko bava mu modoka yibiye

Abantu 51 bose bari bari mu mudoka yagize isanganya ikagwa mu ruzi muri Kenya, barokowe. Iryo sanganya ryabaye igihe iyo modoka, yunguruza ingenzi, yagwa mu ruzi iriko ijabuka ikiraro.

Abategetsi batangaje ko iyo modoka n’ubu ikiri mu mazi ku metero 30 uvuye kuri ico kiraro. Ali Ndeima, umuyobozi w’akarere ka Tana River yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika AP ko imikuba yo muri urwo ruzi iyo modoka yaguyemwo, ubu igenda igabanuka.

Ndiema yavuze kandi ko uwo muhanda ico kiraro kiriko wugawe burundu kandi ko uwuzofatwa yarenze kuri iryo tegeko azofatwa n’igipolisi.

Igipolisi kiracarondera umudereva w’iyo modoka, aregwa ko atumviye akamo k’abo yari atwaye, kamusaba kudaca kuri ico kiraro carengewe n’amazi.

Igipolisi kivuga ko bamwe mu bantu bari muri iyo modoka yunguruza abantu bashoboye kuyivamwo imbere y’uko yibira, abandi bayidugako hejuru, ikiriko iribira.

Ejo ku musi wa mbere reta Kenya yari yaraye isohoye itangazo ryo kugabisha abantu baba mu karere ka Tana River na Lamu ko hashobora kuba imyuzurre, inyuma y’aho urugomero rw’amazi rwo muri ako karere rusenyukiye.

XS
SM
MD
LG