Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Amerika Ntiyumvikana na Isirayeri ku Ntambara muri Gaza


Prezida wa Amerika kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri
Prezida wa Amerika kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yaraye atangaje ko atumvikana n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, ku kugene ariko avyifatamwo mu ngwano n'umurwi Hamas.

Prezida Joe Biden yavuze ko Isirayeri yotegerezwa guhagarika ingwano kugira vyorohereze ibikorwa vyo gutanga imfashanyo mu ntara ya Gaza.

Televiziyo, Univision, itangaza amakuru mu rurimi rw’Ikespanyole yaragize ikiganiro na Biden, kw’itariki 3 y’ukwezi kwa kane, imisi ibiri inyuma y’uko abakozi 7 b’ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, “World Central Kitchen” bishwe mu ntara ya Gaza.

Biden yavuze ko ata nsiguro ihari yo kudaha ibifungurwa n’imiti abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza. Yavuze ko utwo twigoro twotegerezwa kuba turiko turakorwa muri iki gihe.

Prezida Biden yatangaje ko ivyo asaba Isirayeri ari uguhagarika ingwano n’umurwi Hamas gutanga uburenganzira mu kiringo c’indwi 6 canke 8 ziri imbere bwo gushikiriza imfashanyo zose z’ibifungurwa n’imiti bigenewe Gaza.

Yavuze ko yavuganye n’abategetsi b’ibihugu bitari bike, harimwo ab’ibihugu vya Arabiya Sawudite, Jordaniya na Misiri. Yamanyesheje ko ivyo bihugu vyiteguriye kujana imfashanyo muri Gaza.

Ibiro vya Prezida Biden, mu ndwi iheze, vyaratangaje ko yabibwiye Benjamin Netanyahu igihe bagirana ikiganiro kuri telefone. Prezida Biden yarasubiye kwibutsa ko ata muntu n’umwe yokwihanganira ukuntu ibintu vyifashe mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG