Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Uburundi Buvuga ko Butaratera Imbere mu vyo Guhanahana Amakuru


Ubushikiranganji bujejwe igisata co kumenyesha amakuru mu Burundi butangaza ko ico gihugu kigifise urugendo rurerure mu bijanye no kumenyesha amakuru. Bwabitangarije imbere y’inama nkenguzamateka aho bwariko burishura ku bibazo vy’abakenguzamateka ku wa kabiri.

Bimwe mu bibazo abakenguzamateka babajije umushikiranganji ajejwe igisata co kumenyesha amakuru Leocadie Ndacayisaba birimwo ibibazo bijanye n’ishirahamwe ONATEL ridakora neza, umuhora wa “fibre optique” (ukoreshwa mu gushikiriza inteneti abanyagihugu) udakora neza, internet itameze neza, ubugizi bwa nabi bubera ku buhinga ngurukanabumenyi, iradiyo na televiziyo vy’igihugu bitumvikana neza mu gihugu hose, n’ibindi bitandukanye.

Mu kwishura, umushikiranganji Leocadie Ndacayisaba yasiguye ko ibibazo bibituma ari vyinshi, birimwo kubura umuyagankuba, ndetse anemeza ko Uburundi bukiri inyuma mu bijanye n’imirongo yo guhanahana amakuru.

Ikindi yashikirije ni ukuba ivyuma vyakoreshwa kera ari vyo bikihari kandi isi ibandanya kwihuta mw’iterambere.

Naho abanyagihugu batandukanye baganiriye n’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika, bavuga ko ibijanye n’uguhanahana amakuru mu Burundi bigoye cane kuko n’utwo baguze tubafasha kumenya aho isi igeze, amasosiyete arimwo nka Lumitel usanga baca bayatwara batanayakoresheje, kandi bakanazimbwa.

Ikindi abo banyagihugu bavuga, ni uko mu gihe giheze bahora bifashisha amatelefone yo ku mabarabara yo muri sosiyete ya Onatel, ariko ubu akaba atagikora aho vyaborohera guterefona ababo baba mu mice itandukanye.

Kuri ivyo bibazo bijanye na interinete n’imirongo itandukanye ikoreshwa mu Burundi, umushikiranganji Leocadie Ndacayisaba amenyesha abanyagihugu ko boba bihanganye.

Ibijanye n’ubusuma na bwo bubera ku rubuga hwaniro mu Burundi, Ndacayisaba amenyesha ko mu Burundi hakiri agahaze kugira ngo bashobore kumenya no gufata abo bantu. Asigura ko ivyo bisaba gukorana n’ibindi bihugu bimaze gushika kure.

Uwurongoye inama Nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera yasavye ubwo bushikiranganji gukora ibishoboka batitwaje uko igihugu kimeze ndetse no guha agaciro ibijanye no kumenyesha amakuru n'abamenyeshamakuru.

Umukenguzamateka Sinzohagera yaboneyeho kandi gusaba ubwo bushikiranganji gukora ibishoboka vyose, abanyagihugu bakaronswa amafranga yabo yafatiwe mu muhora wa Ecocash, kuko barenganijwe igihe uwo murongo wugarirwa inzira mu Burundi.

Abagize inama nkenguzamateka mu Burundi bibukije ico gisata co kumenyesha amakuru ko ibikorwa vyose bibera mu gihugu bishimikiye ku buhinga bwo guhanahana amakuru, ari na co gituma mu gihe butifashe neza ubuzima bw’abagituyemo buba bugeze ahatemba.

Banagarutse kw’ishirahamwe Onatel, basiguye ko ritariko rirakora neza kandi ryararonkejwe ibikoresho bishasha, baca basaba ubwo bushikiranganji kubikwirikiranira hafi mu gihe ca vuba.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru y'Umumenyeshamakuru Thierryve Ndayishimiye.

Burundi: Igisata co Guhanahana Amakuru Nticifashe Neza
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:59 0:00

XS
SM
MD
LG