Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Burundi: Prezida Ndayishimiye Agabisha Abazotoba Amatora ya 2025


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Kuri uno wa gatanu ku murwa mukuru wa politike i Gitega, hatangujwe icese isekeza ryo gutanga inyigisho zo gukunda igihugu n’izijanye n’amatora. Mu murwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora, bamenyesha ko ico gikorwa kizoba mu Burundi bwose.

Ivyo bikorwa vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru « Ingoma. » Vyitabiriwe n’abategetsi b’Uburundi guhera ku mukuru w’igihugu, abashingamateka, umuhuza w’Abarundi, abashikiranganji, ba buramatari na ba musitanteri b’igihugu cose, abarongoye imigambwe yemewe mu Burundi, abagize inzego z’umutekano, abaserukira ibihugu vyabo n’urwaruka.

Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora « CENI » yamenyesheje ko bari ku kivi kandi ko ibikorwa bigenda neza. Yemereye umukuru w’igihugu yamushinze ayo mabanga ko be n’abo basangiye akazi biteguye gukorera hamwe kandi bafatanye mu nda, mu ntumbero yo gutunganya amatora atagira akanenge.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashimiye abagize CENI aho bagejeje igikorwa. Prezida Ndayishimiye yaciye ahamagarira abarundi kuzitabira amatora yo mu mwaka 2025, umutima uri hamwe.

Kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU yari yitabiriye ivyo biganiro, arashima ico gikorwa ca CENI. Amenyesha ariko ko atacizera ko hagiye kuba amatora meza.

Kuri bamwe mu rwaruka bahungiye mu Rwanda, aho umukuru w’igihugu abizeza amatora meza, na bo nta cizere namba bafise.

Mu gihe muri kahise k’Uburundi iyo himirije amatora haduka ibihuha vyinshi n’inyigisho zicanishamwo abarundi, Prerezida Ndayishimiye aragabisha abo bose bafise imigambi nk’iyo mibi.

Ayo matora yo mu mwaka 2025 ni ay’abashingamateka, abakenguzamateka, abahanuzi ba komine be n’abarongoye imitumba. Inyuma y’ayo matora yo mu mwaka 2025, hazoca hakwirikira amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka 2027.

Forum

XS
SM
MD
LG