Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

DRC: Abarenga 50 mu Babomokeweko n'Umusozi Ntawuzi Irengero


Ino foto yo mu 2017, yerekana ifoto yo mu ntara ya Kwilu
Ino foto yo mu 2017, yerekana ifoto yo mu ntara ya Kwilu

Muri Republika ya Demokarasi ya Kongo, abantu bagera kuri 12 bahitanywe n’ibisigarira vy’umusozi wasenyuwe n’imvura nyinshi.

Umusozi wasenyutse ni uwo muri komine yitwa Dibaya Lubwe, iri mu ntara ya Kwilu yo mu bumanuko bushira uburengero bwa Kongo.

Abategetsi b’ico gihugu batanze ano makuru bavuze ko bakirondera abarenga 50 bari mu ruzi rwitwa Kasai igihe uwo musozi wabahenukirako ku mu taga wo ku wa gatandatu.

Abari muri urwo ruzi, barimwo abariko baramesura, n’abari mu bwato. Felicien Kiway atwara ivy’imfatakibanza intara ya Kwilu, yavuze ko bariko bakora iyo bwabaye kugira ahari abo barenga 50 hamenyekane. Yatangaje ko amahirwe y’uko boba bagihemuka ari make cane.

Ku rundi ruhande, amashirahamwe yigenga avuga ko abarenga 60 ari bo bataramenyekana irengero ryabo. Aba, bemeza ko uwo musozi hari n’abandi bari mw’isoko wahitanye. Ntibatomoye yamara niba ibiharuro batanze bivanze ivy’ abahitanywe n’ibisigarira vy’uwo musozi bari mu ruzi, n’abo bari mw’isoko.

Inyubako mbi n’amabarabara mabi muri Republika ya Demokarasi ya Kongo birakunze gushira mu bibazo abanyagihugu b’ico gihugu, cane cane igihe haba haguye imvura nyinshi. ( AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG