Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Cuba Isaba Amerika Kuyivana mu Bihano


Bamwe mu Bimukira ba Cuba bariko bagerageza kwinjira ku butaka bw'Amerika
Bamwe mu Bimukira ba Cuba bariko bagerageza kwinjira ku butaka bw'Amerika

Ibiganiro bidasanzwe ku vy’abimukira hagati ya Amerika na Cuba bitangura kuri uno wa kabiri.

Cuba ivuga ko muri ivyo biganiro biza kubera aha I Washington DC, iza gusaba ishimitse ko Amerika yorosha ibihano yayifatiye, ikanahindura ingene ifata abanyagihugu ba Cuba bashika ku butaka bwa Amerika biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko.

Cuba imaze igihe ita agashavu kuri Amerika, iyagiriza ko ibihano yayifatiye vyazingamitse ubutunzi bwayo, vyongera vyorohereza abimukira b’ico gihugu bagana Amerika.

Mu bihano Amerika yafatiye Cuba, hari ingingo zitomora ko abimukira ba Cuba bashitse ku butaka bwayo boroherezwa.

Ubutegetsi bwa Joe Biden, ku ruhande rwabwo buvuga ko bwagwijije inzira zishoboka kugira abanyagihugu ba Cuba baza muri Amerika bace mu nzira zemewe n’amategeko.

Mu mikenyuro guverenema y’Amerika yemeza ko yafashe, harimwo ko ubu abanyagihugu bashobora gusabira za Visas ku murwa mukuru wa Cuba, Havana, no kwihutisha ivya ngombwa vy’abasanga imiryango yabo muri Amerika.

Johana Tablada de la Torre, icegera c’uwujejwe ivyerekeye Amerika mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Cuba, yamara yavuze ko igihe cose Amerika itazoba iravana mu bihano igihugu ciwe, ikibazo c’abimukira benshi bashika muri Amerika biciye mu nzira z’ibinywabi kitazova mu nzira. Yagize ati: “ Ibihano ni vyo bitoba umugambi wo gukorana mu vy’abimukira hagati y’Amerika na Cuba.”

Amerika itangaza ko kuva mu ntango za 2021, abanyagihugu ba Cuba binjiye ku butaka bwayo baciye mu nzira zinyuranye n’amategeko ari igice c’umuriyoni.

Reta zunze ubumwe z’Amerika iri mu bihugu vya mbere bikundwa n’abimukira ba Cuba. Amerika ivuga ko mu bituma abanyagihu ba Cuba bahunga ku bwinshi, harimwo intwaro mbi yaka uburenganzira butandukanye abanyagihugu, ikongera igahonyanga agateka ka zina muntu.

Forum

XS
SM
MD
LG