Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Polisi Muri Burezire Yatoye Ibiziga 9 vy'Abimukira


Birakekwa ko abapfuye ari Abanyafrika bari bavuye mu gihugu ca Mali na Moritaniya
Birakekwa ko abapfuye ari Abanyafrika bari bavuye mu gihugu ca Mali na Moritaniya

Igipolisi co muri Burezile catangaje ko ibiziga icenda vyatowe mu bwato bwabonetse ku nkengera z’ibahari bishobora kuba ari ivy’Abanyamoritaniya n’Abanyamali.

Amatohoza ariko akorwa n’igipolisi ca Burezile ni yo yamenyesheje ko abo bantu bakekwa kuba ari Abanyafrika bari bavuye mu gihugu ca Mali, hamwe n’abari bavuye muri Moritaniya.

Abarovyi bakorera ku kivuko kiri mu buraruko bwa Burezile muri Reta ya Para ni bo batoye ubwo bwato ku musi wa gatandatu ku nkengera y’ibahari Atlantika. Urwandiko rwasohowe n’igipolisi rutangaza ko bantu icenda bose bari bamaze kwitaba Imana.

Muri urwo rwandiko nyene, igipolisi cagize kiti: “Iruhande y’ivyo biziga vyari muri ubwo bwato, hariho ibikoresho bimwe bimwe n’impapuro zerekana ko abo bantu baturuka ku mugabane wa Afrika, muri Mali hamwe no muri Moritaniya.

Igipolisi congeyeko ko hashobora kuba harimo n’abava mu bindi bihugu.

Ubwo bwato bwari bufise imetero 12 bukagira ibara ryera n’iry’ubururu, busa n’ ubw’abarovyi bo muri Moritaniya kandi busanzwe bukoreshwa cane n’abimukira bo muri Afrika y’uburengero bajya muri Esipanye.

Forum

XS
SM
MD
LG