Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Ibitero vya Misile Vyishe Abantu Barenga 10 muri Ukraine


Umukuru w’igisagara ca Chernihiv, Oleksandr Lomako, yatangaje ko cahitanye abantu batari musi ya 11
Umukuru w’igisagara ca Chernihiv, Oleksandr Lomako, yatangaje ko cahitanye abantu batari musi ya 11

Abategetsi ba Ukraine batangaje ko igitero ca misile, Uburusiya bwakoze kuri uyu wa gatatu mu gisagara ca Chernihiv kiri mu buraruko bwa Ukraine, cihaye inkumbi.

Umukuru w’igisagara ca Chernihiv, Oleksandr Lomako, yatangaje ko cahitanye abantu batari musi ya 11, abandi barenga 20 barakomereka.

Vyacheslav Chaus, Bulamatari w’intara igisagara ca Chernihiv kirimwo, yavuze ko misile zaguye mu bice bitari bike vyo muri ico gisagara. Yavuze ko abapfuye n’abakomeretse bose ari abasivile.

Prezida wa Ukraine, Volodymnyr Zelensksy, mu butumwa ku mbuga ngurukanabumenyi, yifatanije mu mubabaro n’imyango y’abapfuye n’abakomeretse.

Yasubiye gutera akamo ibihugu bicuditse na Ukraine guha igihugu ciwe imfashanyo zigenewe kwivuna ibitero vya misile na drone vy’Uburusiya. Zelensky yavuze ko ivyabaye kuri uyu wa gatatu bitari kuba iyo Ukraine yari kuba yararonse ibirwanisho bihagije vyo kwivuna ibitero vya misile na drone.

Yatangaje kandi ko bitari kuba iyo amakungu akora ibishoboka vyose kugira ahagarike ivyo yise iterabwoba ry’Uburusiya.

Uyu musi kandi, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya, bwatangaje ko igisirikare cabwo casambuye drone ya Ukraine yari mu kirere mu ntara ya Mordovia hamwe n’iyindi yari mu kirere mu ntara ya Tatarstan

Forum

XS
SM
MD
LG