Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

U Rwanda Rushobora Gutangura Kwakira Abimukira Bavuye Mu Bwongereza Mu Ndwi 12


Biteganijwe ko inama nshingamateka yihweza iryo tegeko mu mpera z’uyu musi ku wa mbere
Biteganijwe ko inama nshingamateka yihweza iryo tegeko mu mpera z’uyu musi ku wa mbere

Indege za mbere zitwaye abimukura ba mbere birukanywe ku butaka bw'Ubwongereza kubera binjiye muri ico gihugu mu buryo budakwirikije amategeko zishobora kuzova muri ico gihugu zija mu Rwanda mu ndwi ziri hagati ya 10 na 12 zimirije.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak, yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Yavuze ko inama nshingamateka na nkenguzamateka bizoguma bikora gushika itegeko rirekurira abimukira binjiye ku butaka bw’Ubwongereza mu buryo butemewe n’amategeko kwirukanwa mu gihugu bakarungikwa mu Rwanda ryemejwe.

Biteganijwe ko inama nshingamateka yihweza iryo tegeko mu mpera z’uyu musi ku wa mbere.

Rishi Sunak yasavye ko inama nkenguzamateka ihagarika kuzibira itegeko rirekurira abategetsi b’Ubwongereza kwirukana bamwe mu bariko basaba ubuhungiro bakajanwa mu Rwanda.

Ni mu gihe ariko arondera kwubahiriza ivyo yemeye vyo guhagarika ubwato buzana abimukira mu Bwongereza mu buryo buciye kubiri n’amategeko. Sunak yabwiye abamenyeshamakuru ko igihe kigeze ko indege zikodeshejwe zitangura gutwara mu Rwanda bamwe mu bimukira basavye ubuhungiro mu gihugu ciwe.

Rishi Sunak ntiyatomoye igitigiri c’abo vyitezwe ko birukanwa. Yamara yavuze ko biteguye ko imigambi yerekeye ico gikorwa iza yaratunganijwe.

Yatangaje ko ata sentare yo mu mahanga izobabuza kwirukana abimukira babona ko binjiye ku butaka bw’igihugu cabo mu buryo butemewe n’amategeko. Itegeko rigenewe kwirukana abo bimukira ryarahagaze mu nama nshingamateka na nkenguzamateka mu kiringo c’amezi abiri.

Forum

XS
SM
MD
LG