Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Iyicwa ry'Abarundi Baba muri Afurika y'Epfo Rihangayikishije Bagenzi Babo


Bamwe mu Barundi bari mw'ishingurwa rya bagenzi babo muri Afurika y'eppfo
Bamwe mu Barundi bari mw'ishingurwa rya bagenzi babo muri Afurika y'eppfo

Abarundi baba muri Afurika y’Epfo batewe ubwoba n’ubwicanyi bemeza ko bumaze iminsi bukorerwa bagenzi babo baba muri ico gihugu.

Bamwe mu Barundi bamaze igihe baba mu bisagara bidatandukanye vya Afurika y'Epfo bavuganye n'Ijwi ry'Amerika, bemeza ko abarenga 10 ari bo bamaze kwicwa guhera mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka w’2024. Abishwe bagwiriyemwo abakorera mu maduka nkuko abahaye Ijwi ry'Amerika amakuru bavyemeza.

Biciye mu kiyago gito co ku rubuga rwa WhatsApp, Ijwi ry'Amerika ryabajije Ambasaderi Alexis Bukuru aserukira Uburundi muri Afurika y'Epfo, niba hari ico azi kuri ayo makuru, aca yishura ati:" Tuguma tubitohoza. Twaratanze raporo zavyo mu nzego zitujejwe kandi zidukurikirana haba ino muri Afrurika y’Epfo haba no mu Burundi.

Bamwe barundi baba mu duce twitwa Samola, Nyanga na Defuti turi mu ntara ya Cape iri mu burengero bwa Afurika y'Epfo, babwiye Ijwi ry'Amerika ko ahanini abica bagenzi babo, babasanga mu kazi aho bariko barapagasa. Aba, barimwo, ababa bariko bikorera utwabo n'abakorera abandi.

Ababangamiwe cane nkuko abahaye amakuru Ijwi ry'Amerika babandanya babivuga, ni abakorera mu maduka y’ibiribwa no mu mazu atunganirizwamwo imishatsi. Ahanini, abagirizwa gukora ubwo bwicanyi ni abanyagihugu bakomoka muri Etiyopiya.

Abarundi bavuganye n'Ijwi ry'Amerika baritangarije ko ubwicanyi buriko buhitana abagenzi babo bwatanguye inyuma y’igandagurwa ry’Umunyetiyopiya yakoresha umurundi mw’iduka ryiwe. Hari mu kwezi kwa gatatu guheze.

Uwo murundi yagirijwe igandagurwa ry’umukoresha wiwe nkuko amasoko y'Ijwi ry'Amerika abandanya kubivuga, yarafashwe arashengezwa mu butungane, ariko inyuma yo kubazwa, habura ivyemezo ari nako guca arekurwa.

Inyuma y’irekurwa ry’iwe, abo ku ruhande y’Umunyetiyopia yishwe baciye bashaka kwihora, bahiga guhangana na zina Murundi wese bashoboye gushikira mu duce babamwo muri Afurika y'Epfo.

Abamaze kwicwa, bicishwa inkoho, abandi bagacumitirwa mu bibanza baranguriramwo ubuzi bwabo butandukanye nkuko abahaye amakuru Ijwi ry'Amerika bavyemeza.

Kugera Ijwi ry'Amerika iheza gutegura ino nkuru, nta rwego na rumwe rwa Afurika y'Epfo yari bwaronke ngo rwemeze ivy’ubu bwicanyi. Ico bikoze, abaharanira agateka ka zina muntu b'Abarundi bamaze iminsi bandika amaraporo kuri iki kibazo, batabariza Abarundi baba muri Afurika y'Epfo. Basaba kandi Reta y’uburundi kuva mu gacerere igafata ingingo zo gukingira abo barundi ndetse n’ababuze ababo bagahabwa ubutungane.

Ku rundi ruhande, mu kwezi kwa cumi ko mu 2023, Ambasaderi Alexis Bukuru aserukira Uburundi muri Afurika y'Epfo yanditse urwandiko ruvuga ko Abarundi baba muri ico gihugu bahura n’ivyago bitandukanye birimwo igitigiri c’abafungirwa mu mabohero gitera kiduga n’abafatirwa ku bibuga vy’indege bagomba gutaha mu gihugu c’amavukiro.

Ubuserukizi bw’Uburundi busaba Abarundi baserukira abandi gutanga urutonde rwa zina Murundi wese ari ku butaka bw'ico gihugu, kugira vyorohe kubaha ubufasha bidatwaye umwanya igihe baba baje kubwitura bahuye n’ibibazo bitandukanye.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru y'Umumenyeshamakuru Thierryve Ndayishimiye.

Iyicwa ry'Abarundi Baba muri Afurika y'Epfo Rihangayikishije Bagenzi Babo
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:58 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG