Svoboda | Graniru | BBC Russia | Golosameriki | Facebook

Uko wahagera

Isirayeri Hamas

Isirayeri Yagavye Ibitero vy'Indege n'ivyo ku Butaka mu Bumanuko bwa Gaza

Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa kane, catangaje ko cakoze ibitero gikoresheje inteko zirwanira ku butaka n'indege z'ingwano mu bice vyo hagati no mu bumanuko bw'intara ya Gaza.

Igisirikare ca Israyeri cavuze ko ivyo bitero vyakozwe mu karere ka Khan Younis vyasambuye ibikoho birasa za rokete.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, ku musi wa gatatu, yaratangaje ko Israyeri itegerezwa gushira imbere ineza y’abasivile b’Abanyapalestina mu gihe iriko irwanya umurwi Hamas mu ntara ya Gaza.

Blinken yavuze ko biteze ko Israyeri ikingira abasivile, ikareka imfashanyo bakeneye zikabashikira.

Antony Blinken, yaravuganye, hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’amazinga ya Shipure, Ubwongereza, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu, Katari, ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya, hamwe n’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu.

Baganiye iveyerekeye umuhora mushasha mw’ibahari Mediterane uzokoreshwa mu gikorwa co gushikana imfashanyo mu ntara ya Gaza. Blinken yavuze ko niyo uwo muhora washirwaho, uzofasha guha ibifungurwa, imiti, amazi n’izindi mfashanyo zikenewe mu buryo bwihutirwa, abantu bagera ku miliyoni 2 uko umusi utashe.

Igisirikare ca Amerika cararungitse ubwato mw’ibahari Mediterane gufasha gushiraho ikibanza ku nkengera z’intara ya Gaza kizokoreshwa n’ayandi makamyo atwaye imfashanyo. Yamara yatangaje ko guheraraheza ico kibanza bishobora gufata amezi abiri. (VOANEWS)

See all News Updates of the Day

Iminsi 200 Irarumanye Hamas Itanguye Kugaba Ibitero muri Isirayeri

Abategetsi baserukira ibihugu vyo mu burengero bw’isi basavye abagwanyi b’umurwi Hamas kurekura imbohe zikiri mu minwe yawo mu karere ka Gaza. Ni mu rwego rwo kuzirikana imisi 200 iheze umurwi wa Hamas ukoze igitero muri Isirayeri, ikananyuruza abo bantu.

Umushikiranganji w’Ubwongerezaa ajejwe imigenderanire, David Cameron, yanditse ku rubuga rwiwe rwa X agira ati: “Haciye imisi 200 Hamas ikoze igitero ca mbere kitagira izina ku Bayahudi”. Yongeye agira ati: “ Imisi 200 iraheze abo bantu bagizwe imbohe, kandi imiryango yabo ibandanya kuba mu mubabaro urengeye”

Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigenderanire na we, Annalena Baerbock yagize ati: “Mu gihe cose abo bantu bagizwe imbohe, batarekuwe, ntituzokwigera tureka gusemerera. Umusi bazorekurwa bagataha iwabo ni ho amahoro azoshoboka.”

Hamas yateye Isirayeri kw’itariki indwi y’ukwezi kwa cumi, yica abantu 1200, yongera igira imbohe abandi 250 nk’uko ibiharuro bitangwa na Isirayeri bivyerekana. Isirayeri ivuga ko abo barwanyi bagifise abantu 100 bagize imbohe hamwe n’ibiziga vy’abandi 30.

Ejo ku musi wa mbere Reta ya Amerika yavuze ko ata kintu gifaditse Hamas irashikiriza mu biganiro vy’umwumvikano kugira intambara ihagarare. (VOA News)

Amerika Ntiyumvikana na Isirayeri ku Ntambara muri Gaza

Prezida wa Amerika kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri
Prezida wa Amerika kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yaraye atangaje ko atumvikana n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, ku kugene ariko avyifatamwo mu ngwano n'umurwi Hamas.

Prezida Joe Biden yavuze ko Isirayeri yotegerezwa guhagarika ingwano kugira vyorohereze ibikorwa vyo gutanga imfashanyo mu ntara ya Gaza.

Televiziyo, Univision, itangaza amakuru mu rurimi rw’Ikespanyole yaragize ikiganiro na Biden, kw’itariki 3 y’ukwezi kwa kane, imisi ibiri inyuma y’uko abakozi 7 b’ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, “World Central Kitchen” bishwe mu ntara ya Gaza.

Biden yavuze ko ata nsiguro ihari yo kudaha ibifungurwa n’imiti abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza. Yavuze ko utwo twigoro twotegerezwa kuba turiko turakorwa muri iki gihe.

Prezida Biden yatangaje ko ivyo asaba Isirayeri ari uguhagarika ingwano n’umurwi Hamas gutanga uburenganzira mu kiringo c’indwi 6 canke 8 ziri imbere bwo gushikiriza imfashanyo zose z’ibifungurwa n’imiti bigenewe Gaza.

Yavuze ko yavuganye n’abategetsi b’ibihugu bitari bike, harimwo ab’ibihugu vya Arabiya Sawudite, Jordaniya na Misiri. Yamanyesheje ko ivyo bihugu vyiteguriye kujana imfashanyo muri Gaza.

Ibiro vya Prezida Biden, mu ndwi iheze, vyaratangaje ko yabibwiye Benjamin Netanyahu igihe bagirana ikiganiro kuri telefone. Prezida Biden yarasubiye kwibutsa ko ata muntu n’umwe yokwihanganira ukuntu ibintu vyifashe mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)

Turukiya Yahagaritse Gukorana Ubudandaji na Isirayeri Kubera Intambara yo muri Gaza

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri kumwe na perezida wa Turukiya
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri kumwe na perezida wa Turukiya

Turkiya yafatiye Isirayeri ingingo zihagarika ubudandaji hagati y’ivyo bihugu, gushika ico gihugu gitangaje ko gihagaritse ingwano mu ntara ya Gaza. Iyo ngingo yerekeye ubwoko 54 bw’ibidandazwa, birimwo isima, ibitoro bikoreshwa n’indege hamwe n’ibitabizo.

Iyo ngingo ifashwe umusi umwe inyuma y’uko Isirayeri yanse iciyumviro cashikirijwe na Turkiya gisaha gukoresha indege mu gukorora imfashanyo mu ntara ya Gaza. Ibihugu bitari bike vyarakoresheje ubwo buryo mu gushikiriza imfashanyo abanyagihugu bo muri Gaza. Ni mu gihe amashirahamwe ajejwe gutabara yatangaje ko adashobora gushikana imfashanyo zikenewe cane mu ntara ya Gaza ziciye ku butaka.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Isirayeri, Israel Katz, yatangaje ko igihugu ciwe kizosubiriza mu nkoko igihugu ca mu Turkiya. Mu butumwa yashize ku rubuga X, Katz yavuze ko prezida wa Turkiya, Recep Tayipp Erdogan yahevye inyungu mu vy’ubutunzi z’abanyagihugu biwe mu ntumbero yo gushigikira abo yavuze ko ari abicanyi b’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza.

Inyuma y’ibiganiro vyerekeye guhagarika ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas yabereye i Kayiro, vyarimwo abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Isirayeri, Hamas na Katari, umurwi Hamas wariko uriyumvira umugambi wari washikirijwe werekeye guhagarika ingwano, urimwo ivyerekeye kurekura abagizwe imbohe mu ntara ya Gaza. Uwo mugambi wasaba agahengwe k’indwi zitandatu. (VOANEWS)

Isirayeri Yagirizwa Kugaba Ibitero ku Miduga y'Abagiraneza muri Gaza

Imwe mu miduga yasambuwe n'ibitero vya Isirayeri muri Gaza
Imwe mu miduga yasambuwe n'ibitero vya Isirayeri muri Gaza

Jose Andres, yashinze ishirahamwe rijejwe gutabara, World Central Kitchen, yagirije Isirayeri ko yakoze ibitero ku modoka zaryo vyahitanye abagiraneza umunani baryo mu ntara ya Gaza.

Yasiguye ko ibitero vya Isirayeri kuri izo modoka zari zitwaye imfashanyo vyakozwe n'impaka. Mu kiganiro yahaye televiziyo yo muri Isirayeri, Keshet 12 News, Jose Andres, yaravuze ku bucuti yari afitaniye n’abahitanywe n’ibitero vy’igisirikare ca Isirayeri.

Yagize ati: "Bamwe mu bapfuye bari abagenzi banje dusangira. Zomi (Lalzawmi Frankcom) yari umuntu afise umutima mwiza. Ni umupfasoni yagiye mu bice bitari bike vyo kw’isi ashiriye abanyagihugu imfashanyo y’ibifungurwa. Yari umuntu afise umutima mwiza".

Ishirahamwe, World Central Kitchen, ryasavye ko haba itohoza ryigenga ku bitero vya Isirayeri vyahitanye abakozi umunani baryo mu ntara ya Gaza. Isirayeri ivuga ko ivyo bitero vyabaye ukwihenda. Yatangaje kandi ko yatanguye itohoza ryayo kuri ivyo bitero.

Mw’itangazo ryasohotse ku musi wa kane, Ishirahamwe, World Central Kitchen, ryasavye ibihugu vya Ostraliya, Canada, Polonye, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubwongereza, abanegihugu bavyo bishwe, kwifatanya naryo mu gusaba ko haba itohoza ryigenga ku bitero vyakozwe ku bakozi baryo ku musi wa mbere w’iyi ndwi. Iryo shirahamwe ryipfuza ko iryo tohozwa ryokorwa n’abantu batagira uruhande bahengamiyeko. (VOANEWS)

Ingabo za Isirayeri Zavuye mi Micungararo y'Ibitaro Zagwaniyemwo Cane na Hamas

Ibisigarira vy'ibitaro vya Shifa
Ibisigarira vy'ibitaro vya Shifa

Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa mbere, catangaje ko inteko zaco zavuye mu gice kirimwo ibitaro vyitwa Shifa mu buraruko bw'intara ya Gaza. Ni inyuma y'uko zirangije ibikorwa vyazo muri ico gice.

Inteko za Isirayeri zavuye muri ico gice indwi zibiri inyuma y’uko zitanguye ibitero mu bitaro Shifa biri mu ntara ya Gaza. Zagirije abayobozi bakomeye mu vya gisirikare b’umurwi Hamas ko bakoresha ikibanza ivyo bitari birimwo kugira bakore ibikorwa vy’iterabwoba.

Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko cishe abarwanyi b’umurwi Hamas 200 mu gice ibitaro Shifa birimwo. Cakoresheje indege z’ingwano n’inteko zirwanira ku butaka. Imbere y’aho, ibiziga vyaratowe hanze n’imbere mu bitaro Shifa, nk’uko vyashikirijwe n’igisirikakre ca Isirayeri.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, ku musi w’Imana urangiye, yaremeje umugambi werekeye ibikorwa vya gisirikare mu gisagara ca Rafah kiri mu bumanuko bw’intara ya Gaza.

Amakungu yarerekanye impungenge ku vyerekeye uwo mugambi. Ni mu gihe igice c’abanyagihugu baba mu ntara ya Gaza bahunngiye muri ako karere. Netanyahu yarasubiye gutangaza, ku musi w’Imana, ko ata bundi buryo abona bwo gushika ku migambi igihugu ciwe cihaye, yo gutuza Hamas.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igihugu gicuditse bikomeye na Isirayeri, n’ayandi mareta hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, vyarerekanye impungenge zikomeye ku kugene abanyagihugu baba mu gisagara ca Rafah bosinzikara bikomeye hamwe Isirayeri yoshira mu bikorwa umugabi wayo wo gukora ibitero muri ico gisagara. (VOANEWS)

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG