Radio
Amakuru mu Gitondo
Perezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yamaganye abavuga ko ONU ari yo igomba kwemeza niba Jenoside yarakozwe mu gihugu. Umutegarugoli wa Paul Rusesabagina arasaba Leta zunze ubumwe z'Amerika kumufasha gufunguza uwo bashakanye. Muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, umusilikare mukuru ufite ipeti rya Colonel wo mu ngabo z'igihugu yaraye aguye mu mirwano.
Amakuru y'Akarere
Ingingo zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Hasohotse igitabo muri Kaminuza nkuru y’u Rwanda cerekana ko ururimi rw’Ikinyarwanda rwamize urw’Ikirundi mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu Rwanda. Leta y’u Rwanda ivuga ko yiteguye kwakira Abanyarwanda 8 baherutse kwrikanwa na Nijeri. Intagondwa z’aba al Shabab bo muri Somaliya zishe abantu batari munsi y’indwi.
Amakuru ku Mugoroba
Ingingo zigize amakuru yo ku mugoroba: Sudani yahagaritse servisi zose za Interneti kubera imyiyerekano yo ku murwa mukuru Karthoum Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu asaba Amerika kurungika intumwa idasanzwe iraba ivy’agateka ka muntu muri Koreya ya Ruguru. Muri Kaminuza nkuru y’u Rwanda, hasohotse igitabo cerekana ko ururimi rw’Ikinyarwanda rwamize urw’Ikirundi mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu Rwanda.