Ibihugu hafi 20 biriko birarungikira Ukraine izindi mfashanyo nshasha za gisirikare. Ubushinwa Bugabisha Amerika gukina n'umucanwa ku kibazo ca Taiwani
Iradukunda Elsa wabaye nyampinga w’u Rwanda mu 2017 yagejejwe imbere y’urukiko rukuru rwa Kagarama kuburana ku ifungwa n’ifungurwa
Murisanga (1400-1500 UTC): Mu Burundi, Ku ma dosiye 195 bakiriye mu kwezi kwa 4, ayatarenga 26 ni yo yonyene yatanzwe n'abigeme canke abakenyezi mu mugambi w’igihugu ujejwe ivyo kwiyungunganya mu rwaruka PAEEJ. Kuki abigeme batariko barahurumbira uwo mugambi? Ni vyo tugarukako.
Amakuru y'Akarere (1600-1630 UTC): Afrika y'Epfo n'Ubudagi birasaba imishikirano ku ntambara yo muri Ukraine. Iradukunda Elsa yabaye Miss Rwanda muri 2017 yashikanywe imbere ya sentare y’intango ya Kagarama, i Kigali kuburana kw’ipfungwa n’ipfungurwa ry’agateganyo.
Amakuru ku Mugoroba (1730-1800 UTC):Abatalibani bagiye gusinyana amasezerano na Emira zunze ubumwe z’abarabu, ajanye no gukoresha ibibuga vy’indege muri Afuganistani. Kuri uyu wa kabiri, reta y’u Rwanda yasezerera abahoze ari abarwanyi mu mirwi itandukanye harimwo FDLR n’iyindi.