Abantu 20 barimwo abanyeshure bishwe barashwe kw'ishure mu gisagara ca Uvalde muri Texas. Perezida Biden avuga ko ashengeshejwe n'ubwo bwicanyi Perezida George Bush hari abari mu mugambi wo kumugandagura
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Imirwano ikomeye mu duce twose tw'’Akarere ka Rutshuru hagati y’ingabo za Repubulika ya demokarasi ya Kongo n’umutwe wa M23. Abarundi 177 kuri uyu wa gatatu basubiye mu gihugu cyabo batuutse mu kambi y’agategenayo ya Kavimvira
Murisanga (1400-1500 UTC): Umushakashatsi Eric Karinganire arasigura gahunda yatangije yo kuhira imyaka akoresheje amazi avuye mu kuzimu n’ ikoranabuhanga rya telefoni igendanwa. Yayitangiriye mu Rwanda ariko agamije kuzayigeza no mu bindi bihugu
Amakuru y'Akarere (1600-1630 UTC): Muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, umutwe wa M23 uremeza ko uri mu mirwano ikomeye n’ingabo z'igihugu muri Rutshuru. Mu Rwanda, urukiko rumaze kurekura Elsa Iradukunda, wabaye Miss Rwanda 2017.
Amakuru ku Mugoroba (1730-1800 UTC): Impunzi z'Abarundi barenga 170 bavuye mu nkambi ya Lusenda uyu munsi basubira mu gihugu cyabo cy'amavuko. Imirwano irakaze mu karere ka Nyiragongo hagati y'ingabo za Repubulika ya Demokarasi ya Kongo n'inyeshyamba z'umutwe wa M23.