Radio
Iwanyu mu ntara
Urwego rwashinzwe kurangiza imanza zasizwe n’inkiko mpuzamahanga-ishami ryarwo rya Arusha, rwategetse leta ya Nijeri gusubiza ibyangombwa abanyarwanda 8 iheruka kwakira no kubaha ubwigenge bwo gutembera mu gihugu nta nkomyi. Ingabo z'Uburundi zimaze iminsi zikoresha ibiganiro n'abaturage mu rwego rwo kubakangurira gukorana na zo mu guhangana n' imitwe y'abarwanyi bitwaje intwaro Mu Rwanda, urubanza rwa Paul Rusesabagina na bagenzi be rwasubitswe. Rwaburanishirizwaga mu rukiko rw’ubujurire rwa Kigali. Abunganira Abaregwa bagaragarije urukiko ko mu itumizwa ry’abo bunganira hari amategeko atakurikijwe.
Murisanga
Abarundi batari bake bavuga kw’icegeranyo cashikirijwe n’umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi #CVR, kizotuma Abarundi bacanamwo. Yamara hari n’abavuga kw’ico cegeranyo ahubwo kizotuma bikebuka, bagashira imbere umutima w’abavandimwe. Ico cegeranyo cahavuye cemezwa n’inama shingamateka kivuga ko ubwicanyi bwabaye mu Burundi mu 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe Abarundi bo mu bwoko bw’Abahutu. Muri Murisanga, twatumiye bamwe mu bakwirikiranira hafi politike yo mu Burundi, kugira bihweze inzira Abarundi bofata mu gutsimbataza ubumwe, amahoro n’iterambere.
Amakuru y'Akarere
Mu kiringo c’umwaka umwe urenga abigeme barenga gato 150 mu nkambi ya Nduta baramaze guheba amashure bitewe no gutwara inda batipfuza. Abatari bake barabandanya kugira ico bavuze ku gitabo giheruka kwandikwa n’Umurundi aba mu Rwanda, kivuga ko abenshi mu mpunzi z’Abarundi bahungiye mu Rwanda basa n'abibagiye ururimi kavukire kubera Ikinyarwanda gifise inkomezi zo kumira Ikirundi. Sentare isubiramwo Imanza mu Rwanda yasibije urubanza Paul Rusesabagina na bagenzi be baregwamwo.
Amakuru ku Mugoroba
Sentare isubiramwo Imanza mu Rwanda yasibije urubanza Paul Rusesabagina na bagenzi be baregwamwo. Mu kiringo c’umwaka umwe urenga abigeme barenga gato 150 mu nkambi ya Nduta baramaze guheba amashure bitewe no gutwara inda batipfuza. Abatari bake barabandanya kugira ico bavuze ku gitabo giheruka kwandikwa n’Umurundi aba mu Rwanda, kivuga ko abenshi mu mpunzi z’Abarundi bahungiye mu Rwanda basa n'abibagiye ururimi kavukire kubera Ikinyarwanda gifise inkomezi zo kumira Ikirundi.