Radio
Amakuru mu Gitondo
Ingingo zigize amakuru ya kino gitondo: Kuva umwaka w’ishure w’2021 ushira uw’2022 utanguye, nta ma na rimwe ry’amazi riboneka ku mashure abiri afise uburaro ari ku mutumba witwa Kwibuka, uri muri komine n’intara ya Gitega mu Burundi. Mu makuru agezweho mu gisata ca Sport, Umugwi w’Urunani ni wo watahukanye igikombe mw’ihiganwa ryatunganijwe n’ishirahamwe rya Basketball mu Burundi. Urunani rwatsinze Dynamo mu rukino rwa nyuma ku manota 95 kuri 73. Mu Rwanda, Ekipe ya Kiyovu Sport iracari ku mwanya wa mbere muri shampiyona y'umupira w'amaguru mu kiciro ca mbere
Murisanga
Mu kiganiro #Murisanga turaganira n’umunyarwandakazi Diane Cyuzuzo, ufite isosiyeti yitwa AFRIDUINO LTD, uherutse gutsindira igihembo cya Miliyoni 50 z’amafaranga y’u #Rwanda muri Hanga Pitch Fest. Avuga ko agiye kwagura ibikorwa bye akihatira gusohora ibindi bikoresho bituma umuco udacika kandi bikaba bigezweho, kuko asanga gakondo isigaye yiganje cyane mu mitako kandi ihenze. Turaganira nawe nk’urubyiruko by’umwihariko rw’umukobwa kandi rwiyemezamirimo
Amakuru y'Akarere
Amakuru y'Akarere (1600-1630 UTC): Amashuli y’imyuga mu Burundi akomeje guhura n’ibibazo nyuma y’imyaka itanu leta iyatangije. Ubushinjacyaha mu Rwanda bwasabye urukiko rw’ubujurire kuzahanisha umunyapolitike Paul Rusesabagina igifungo cya burundu. Muri Burukina faso, haravugwa ihirikwa ry’ubutegetsi. Prezida Rock Marc Chritian Kabore wari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2015 afungiye mu kigo cya gisirkare
Amakuru ku Mugoroba
Amakuru ku Mugoroba (1730-1800 UTC): Abaturiye umupaka uhuza u Rwanda na Uganda barashima uruzinduko umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni aherutse gukorera mu Rwanda, ariko bagasaba ko bikurikirwa no gufungura umupaka umaze igihe ufunze Muri Burukina Faso, Prezida Rock Marc Chritian Kabore yakorewe kudeta. Ubu afungiye mu kigo cya gisirkare