Radio
Amakuru mu Gitondo
Mu Rwanda abakorera ubuhinzi bw’umuceri mu kibaya cya Bugarama ho mu karere ka Rusizi barinubira izamuka bavuga ko rikabije ry’igiciro cy’imbuto y’umuceri. Mu Burundi, umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi ku mabi yabaye mu Burundi, watangaje ko ugiye gutangura kurondera ukuri ku bwicanyi bwabaye mu mwaka w’1988 mu buraruko bw’igihugu, bwise ubwa "Ntega na Marangara".
Murisanga
Muri Murisanga y'uno munsi, twabatumiriye abarundikazi babiri barimwo uwatanguje umugambi, Nshimirimana Scholarship For Women” ushigikira abarundikazi biga muri Amerika mu kubaterera amafaranga yo kuriha ishure, n’uwatanguje udushimwe, TUVUGANE AWARDS 2022, dutera intege abarundi bagize ico bahindura mu kibano barimwo. Hari ikibazo ufise ubaza canke intererano, woduha nimero yawe ya terefone tukaguhamagara mu kanya saa kumi
Amakuru y'Akarere
Ingingo zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Ibanki y’isi yose yahaye Uburundi ingabire y’uburyo burenga imiliyoni 150 y’amadolari ya Amerika, ni ukuvuga ayarenga imiliyaridi 500 y'amarundi. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, CAF, ryahagaritse inkino z’amahiganwa y’igikombe c’ibihugu vya Afrika, CAN, mu kibuga c’umupira w’amaguru ca Olembe kiri ku murwa mukuru, Yaounde.
Amakuru ku Mugoroba
Ikibuga c’umupira w’amaguru ca Olembe kiri ku murwa mukuru wa Kameruni, Yaounde, cabaye kirahagarikwa mu kwakira inkino za CAF. Abimukira indwi bapfuye igihe bari mu bwato bwari butwaye abagera kuri 280, igihe bagerageza kujabuka ibahari ya Mediterane bava muri Libiya bagana mu Butaliyano. Impunzi z’Abarundi 278 zo mw’ikambi ya Lusenda iri mu bu bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo zahungutse ziva muri iyo kambi zirekeza mu gihugu c’Uburundi.